25 Buri hafi guca, Yesu aza aho bari agendagenda ku mazi.
25 Ku muteramyi agira kane, aza aho bari, agendesha amaguru hejuru ku kiyaga.
Mutahure ibi: Iyaba nyene inzu yomenye isaha igisuma kizira ko, yoteramye ntiyokwemera ko kimena inzu yiwe.
None rero mube maso kuko mutazi igihe nyene inzu azogarukirako; hashobora kuba ku mugoroba, mu gicugu, mw’ijoro rishira ubuca canke kare mu gitondo.
Akiri aho, abona ko abigishwa biwe bafise ingorane nyinshi mu gusoza kuko umuyaga waza ubaturutse imbere. Ijoro ryitereye bugiye guca, aza aho bari, agendagenda ku mazi, asa n’uwugira abarengane.
Harahiriwe abo bakozi shebuja azosanga bagiteramye bamurindiriye, naho yoza mu gicugu canke bugiye guca.
Bamaze gusoza nk’ibirometero bitanu, babona Yesu agendagenda ku mazi yegera ubwato barimwo, maze bagira ubwoba.
Yari afise umuzingo w’igitabu mutoya wuguruye mu kiganza ciwe. Aca ashinga ikirenge ciwe c’i buryo ku kiyaga, ic’i bubamfu agishinga i musozi.
Wa mumarayika nabona ahagaze ku kiyaga n’i musozi, aca aduza ikiganza ciwe c’i buryo akirabisha kw’ijuru.
Rya jwi nari numvise rimvugisha rivuye mw’ijuru, rica rirasubira rimbarira riti: “Genda wakire urya muzingo mutoya w’igitabu wuguruye mu minwe y’urya mumarayika ahagaze ku kiyaga n’i musozi.”