Hanyuma abwira abantu ngo bicare ku vyatsi. Maze afata ya mikate itanu na za fi zibiri, arangamiza mw’ijuru, abishimira Imana. Hanyuma amanyagura ya mikate, abihereza abigishwa biwe na bo babiha ba bantu.
Maze Yesu abwira ba bantu ngo bicare hasi. Amaze gufata ya mikate akayishimira Imana, arayimanyagura ayiha abigishwa ngo bayihe abantu, na bo babikora uko.