10 Nuko arungika umuntu asanga Yohana umubatizi mw’ibohero, amuca umutwe,
10 atuma mw ibohero ngo bace izosi Yohana.
awuzana kw’isiniya, awuha wa mukobwa, na we awushira nyina.
Maze umwami Herode arababara cane kubera ivyo yavuze, ariko kubera indahiro yari yarahiriye imbere y’abatumire biwe, avuga ko uwo mukobwa bamuha ico asavye.
Ariko ndababwire, Eliya yaramaze kuza, yamara ntibamumenye, ahubwo bamukoreye ivyo bishakiye. Uko ni ko n’Umwana w’Umuntu bagiye kumugirira nabi.”
Ariko ndababwire, Eliya yamaze kuza, kandi abantu bamukoreye ivyo bishakiye, nk’uko Ivyanditswe vyera bibivuga.”
Ariko Herode aravuga ati: “Ko Yohana ari jewe namuciye umutwe, uwo we numva ni nde?” Ni ko guca arondera ingene yomubona.
Baheje gushinga intahe, ca gikoko c’i kuzimu kizobatera, kibaneshe, hanyuma kibice.