7 Izindi mbuto zigwa mu mahwa; zimaze kumera, ayo mahwa arakura arazinyoha.
7 Izindi zigwa mu mahwa, amahwa arakura, arazinyoha.
Imbuto zaguye mu mahwa, ni ikigereranyo c’umuntu yumva ijambo ry’Imana, ariko imyitwarariko y’ivy’iyi si hamwe n’uruhendo rw’ubutunzi bikaza bikanyoha iryo jambo yumvise bigatuma ata co ryama.
Ariko izuba ryatse, za mbuto zariko ziramera zica ziruma kuko imizi yazo itashika kure.
Hakaba rero n’imbuto zaguye mw’ivu ryiza, ziramera, zirakura kandi zirama, zimwe zimbuka incuro ijana, izindi mirongo itandatu, izindi mirongo itatu.
Izindi mbuto zigwa mu mahwa; zimaze kumera, ayo mahwa arakura arazinyoha, ntizashobora kwama.
Izindi na zo zaguye mu mahwa; zimeze zikurana na yo, aca arazinyoha.