Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 13:52 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

52 Na we arababwira ati: “Ni co gituma umwigisha wese w’ivyagezwe, iyo ahindutse umwigishwa mu Bwami bw’ijuru, agereranywa n’umuntu yinjira mu nzu yiwe, agakura mu bubiko bwiwe ivyiza bishasha hamwe n’ivya kera.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

52 Na we arababgira, ati Ni co gituma umunyabgenge w’ivyanditswe wese, amaze guhinduka umwigishwa w’ivy’ ubgami bgo mw ijuru asa na nyen’ urugo asokorora mu vyo atunze ibintu bisha n’ivya kera.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 13:52
31 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umuntu mwiza akura ivyiza mu bubiko bwiza bw’umutima wiwe, umubi na we agakura ibibi mu bubiko bubi bw’umutima wiwe.


Yesu abaza abigishwa biwe ati: “Mbega ivyo murabitahura?” Na bo bati: “Egome.”


Yesu ahejeje kwigishiriza muri iyo migani, aca ava ngaho.


Ehe ngira ndabarungikire abavugishwa, abanyabwenge hamwe n’abigisha b’ivyagezwe b’ukuri. Bamwe muzobica, abandi mubabambe, abandi mubatonagurire mu masinagogi yanyu, hanyuma mubatoteze bave mu gisagara baja mu kindi.


Nuko nimugende, muhindure amahanga yose abigishwa: mubabatize mw’izina rya Data n’iry’Umwana n’irya Mpwemu Yera,


Ni co gituma Imana mu bwenge bwayo yavuze iti: ‘Nzobarungikira abavugishwa n’intumwa, bamwe muri bo bazobica, abandi babahame.’


Ndabahaye icagezwe gishasha: Nimukundane. Nk’uko nabakunze, ni ko namwe mukwiye gukundana.


Turababazwa mu mitima ariko twamana umunezero. Dufatwa nk’abakenye ariko dutungishije benshi. Tuboneka nk’aho ata co dufise ariko dufise vyose.


Nimwasoma ibi rero, muzoshobora gutahura uguhishurirwa mfise kw’iryo banga rya Kristo,


Naho ndi uwo hanyuma y’abera bose, ubwo buntu bw’Imana narabugiriwe, ndaronka iryo teka ryo kubwira Abanyamahanga ubutunzi butagira urugero bafise muri Kristo.


Mwabubwiwe na Epafura, umukozi w’Imana dukunda kandi dusangiye igikorwa, akaba n’umukozi wa Kristo w’umwizigirwa abakorera.


Ijambo rya Kristo ribe muri mwebwe rigwiriye, mwigishanye kandi muhanurane mu bwenge bwose, muririmba amazaburi n’indirimbo n’amatazirano y’impwemu mushima Imana mu mitima yanyu.


Ategerezwa kuba atakiri umwana mu kwizera, ahandi ho yohava agwa mu caha c’ukwishira hejuru, akazocirirwa urubanza rumwe na Satani.


Ategerezwa kuba uwuzigama neza ijambo ry’ukwizera yigishijwe, kugira ngo ashobore kuremesha abandi mu vyizerwa vy’ukuri, no gutsinda abamuhaririza.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ