Matayo 13:52 - Bibiliya mu Kirundi coroshe52 Na we arababwira ati: “Ni co gituma umwigisha wese w’ivyagezwe, iyo ahindutse umwigishwa mu Bwami bw’ijuru, agereranywa n’umuntu yinjira mu nzu yiwe, agakura mu bubiko bwiwe ivyiza bishasha hamwe n’ivya kera.” အခန်းကိုကြည့်ပါ။Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)52 Na we arababgira, ati Ni co gituma umunyabgenge w’ivyanditswe wese, amaze guhinduka umwigishwa w’ivy’ ubgami bgo mw ijuru asa na nyen’ urugo asokorora mu vyo atunze ibintu bisha n’ivya kera. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |