Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 13:46 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

46 Abonye irirusha agaciro ayandi, aca aragenda ashora ivyo yari afise vyose, ararigura.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

46 Abonye imaragarita imwe, y’igiciro kinini, aragenda, ashōra ivy’ afise vyose, arayigura.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 13:46
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ubwami bw’ijuru bugereranywa kandi n’ubutunzi buhishijwe mw’itongo. Umuntu umwe yabuserutseko, aca yongera arabuhisha. Hanyuma kubera umunezero mwinshi, aragenda ashora ivyo yari afise vyose, agura iryo tongo.


Kandi Ubwami bw’ijuru bugereranywa n’umudandaza yagiye kurondera amabuye y’agaciro.


Ubwami bw’ijuru bugereranywa n’urusenga rwaterewe mu kiyaga, rufata ifi z’ubwoko bwose.


Ariko mbona ko ubuzima bwanje ata co bwoba bumaze hamwe ntorangiza urugendo, ngansozera igikorwa Umwami Yesu yanshinze co kubwira abantu Ubutumwa Bwiza bw’ubuntu bw’Imana.


Ariko jewe sinkagire ikindi nishimira atari umusaraba w’Umwami wacu Yesu Kristo. Ku bw’uwo, kuri jewe isi irabambwe, kandi nanje kuri yo ndabambwe.


Naho ndi uwo hanyuma y’abera bose, ubwo buntu bw’Imana narabugiriwe, ndaronka iryo teka ryo kubwira Abanyamahanga ubutunzi butagira urugero bafise muri Kristo.


Muri we ni ho ubutunzi bwose bw’ubwenge no kumenya buhishijwe.


Cahora kibagurira ibidandazwa bigizwe n’inzahabu, ifeza, amabuye y’agaciro n’utubuyenge; impuzu zera nziza, izitukura n’izisa n’agahama nziza; ivyakozwe mu biti bimota neza, ivyakozwe mu masenge y’inzovu, ivyabajwe mu biti vyiza vy’igiciro kinini, ivyacuzwe mu butare bw’umwakaka no mu vyuma hamwe n’amabuye abajwe.


Imiryango y’amarembo uko ari cumi n’ibiri yari ikozwe mw’imaragarita cumi na zibiri, umuryango umwumwe wose wari ukozwe mw’imaragarita imwe. Ibarabara rikuru ryo muri ico gisagara ryari rigizwe n’inzahabu zivugutiwe, rikabonerana nk’ibiyo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ