Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 13:42 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

42 babate mw’itanure ryaka umuriro; aho hazoba amarira no guhekenya amenyo kubera umubabaro.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

42 Bazobaterera mw itanure ry’umuriro, ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z’amenyo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 13:42
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

babaterere mw’itanure ryaka umuriro, ni ho hazoba amarira no guhekenya amenyo kubera umubabaro.”


Umwami aca abwira abakozi biwe ati: ‘Nimumubohe amaboko n’amaguru, mumuterere hanze mu mwijima, ahazoba amarira no guhekenya amenyo kubera umubabaro.’


Hanyuma Umwami azohindukira abwire abari i bubamfu bwiwe ati: ‘Mva mu maso mwa bivume mwe, muje mu muriro utazozima wateguriwe Satani n’abamarayika biwe.


Afise urutaro rwo kugosora mu minwe, azokubura ikibanza co gusekuriramwo. Ahejeje kugosora azokwegeraniriza ingano mu kigega umuguruka na wo awuturirire mu muriro utazokwigera uzima.”


mu gihe abari bateguriwe ubwo bwami bazoba baterewe hanze, mu mwijima aho bazokwama baboroga kandi bahekenya amenyo kubera umubabaro.”


Ni ho hazoba amarira no guhekenya amenyo kubera umubabaro, nimwabona Aburahamu, Isaka na Yakobo n’abavugishwa bose mu Bwami bw’Imana, namwe muterewe hanze.


na we nyene azonywa ku muvinyu w’uburake bw’Imana, wasutswe mu gikombe c’ubushangashirwe bw’Imana utavanze. Azobabarizwa mu muriro n’ibizuku vyaka imbere y’abamarayika n’imbere ya wa Mwagazi.


Ariko ca gikoko gica gifatwa mpiri hamwe na wa muvugishwa w’ibinyoma yakora ibitangaza mw’izina ryaco. Ivyo bitangaza ni vyo cahendesha bamwe bashirwako ikimenyetso caco, bagasenga n’igishushanyo caco. Ca gikoko na wa muvugishwa w’ibinyoma baca batererwa mu kiyaga caka umuriro.


Wa mubi yabahenda, atabwa mu kiyaga caka umuriro, aho ca gikoko na wa muvugishwa w’ibinyoma bari batawe. Bazobabazwa ijoro n’umurango, ibihe bidashira.


Ariko abahemuka, abatizera, abakora ibiterasoni, abicanyi, abasambanyi, abapfumu, abasenga ibigirwamana n’ababeshi bose, ikibanza cabo ni ikiyaga caka umuriro, ari rwo rupfu rwa kabiri.”


Yuguruye ico cobo, haca hapfunduka umwotsi umeze nk’uw’itanure rinini, maze izuba n’ikirere bica bitakaza umuco wavyo kubera uwo mwotsi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ