Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 13:22 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

22 Imbuto zaguye mu mahwa, ni ikigereranyo c’umuntu yumva ijambo ry’Imana, ariko imyitwarariko y’ivy’iyi si hamwe n’uruhendo rw’ubutunzi bikaza bikanyoha iryo jambo yumvise bigatuma ata co ryama.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Uwabibge mu mahwa ni we yumva iryo jambo, arik’ umwitwaririko w’ivy’ isi n’uruhendo rw’ubutunzi bikanyoha iryo jambo, akaba ikirumbirane.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 13:22
42 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umuntu wese atuka Umwana w’Umuntu, azobiharirwa; ariko uwutuka Mpwemu Yera ntazobiharirwa, haba muri kino gihe canke mu gihe kizoza.


Umwansi yabivye urwamfu ni Satani. Iyimbura ni umuhero w’isi; abimbuzi ni abamarayika.


Nk’uko begeranya urwamfu kugira ngo baruturire, ni ko bizomera ku muhero w’isi.


Izindi mbuto zigwa mu mahwa; zimaze kumera, ayo mahwa arakura arazinyoha.


Aca ababwira ati: “Mube maso, mwirinde guhahamira ivy’isi, kuko ubuzima bw’umuntu ntibuhagaze kw’itunga ryinshi afise.”


Uko ni ko bizogenda kuri abo bose biyegeraniriza ubutunzi bwabo ariko badatunze mu buryo bw’Imana.”


Mwiyubare, imitima yanyu ntiremerwe n’akaborerwe hamwe n’ibihimbaro bijanye na ko, canke imyitwarariko y’ivy’ubu buzima, kugira ngo uwo musi ntuze ubashikeko giturumbuka,


Hari n’abameze nk’isi yamezeko amahwa. Abo na bo bagiheza kwumva ijambo ry’Imana, imyitwarariko y’ivy’ubu buzima, ubutunzi n’ibihimbaro vy’iyi si biraza bikanyoha icatewe muri bo, hanyuma bikababuza gukura mu vy’impwemu.


Simoni abonye ko abantu baronka Mpwemu Yera barambitsweko ibiganza n’intumwa, aca azizanira amahera,


Ntimukigane inyifato n’imigenzo y’isi ya kino gihe, ariko mureke Imana ibahindure rwose mu kubaha ukwiyumvira gushasha. Aho ni ho muzoshobora gutahura ivyo Imana ibagombako, kuko ni vyo vyiza, ni vyo biyihimbara kandi ni vyo bitunganye rwose.


None umunyabwenge ari he? Umwigisha w’ivyagezwe ari he? Umunyabihari w’iki gihe ari he? Mbega Imana ntiyafashe ubwenge bw’iyi si ikabuhindura ubujuju?


Ariko ku bakuze mu kwizera, ubutumwa tuvuga ni ubw’ubwenge: ubwo bwenge si ubw’iki gihe canke ubw’abatware b’iki gihe bazokurwaho.


Nta n’umwe wo mu baganza b’iki gihe yigeze abutahura, kuko iyo baba barabutahuye, ntibaba barabamvye Umwami w’ubwiza.


Ntimwihende! Nimba muri mwebwe hari uwibaza ko ari umunyabwenge afatiye ku rugero rw’ubwenge bwo mw’isi, yari akwiye kuba ikijuju kugira ngo ashobore kuba umunyabwenge w’ukuri,


Umwami w’iyi si yarahumishije ubwenge bw’abatizera, kugira ngo ntibabone umuco w’Ubutumwa Bwiza bw’ubwiza bwa Kristo, we shusho y’Imana.


Uwo Kristo ni we yatanze ubugingo bwiwe ku bw’ivyaha vyacu, nk’uko Imana Data wa twese yari yarabigomvye, kugira ngo adukize iki gihe kibi turimwo.


ivyo mwagenderamwo mukurikira inzira mbi z’isi, mwumvira wa mutware w’ubwami bwo mu kirere, ni we mpwemu ikorera mu mitima y’abantu batumvira Imana.


Wigishe abafise ubutunzi bw’iyi si kutishira hejuru no kudashira ivyizigiro vyabo muri bwo, kuko butaramba. Ariko bizigire Imana yo iduha vyose nk’umusesekara kugira ngo tubinezerererwe.


kuko Dema yarantaye aja i Tesalonike, kuko yakunze ivy’iyi si. Kireseni yagiye i Galatiya, Tito na we yagiye i Dalumatiya.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ