Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 13:19 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Iyo umuntu yumvise ubutumwa bw’Ubwami, hanyuma ntabutahure, wa mubi aca aza akarandura icari cabibwe mu mutima wiwe. Izo ni zo mbuto zabibwe i ruhande y’inzira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Uwumva wese ijambo ry’ubgami ntarimenye, wa Mubi araza, agasahura ikibibge mu mutima wiwe. Uwo ni we yabibge i ruhande y’inzira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 13:19
36 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nimba Satani yirukanye Satani, akicamwo ibice; none ubwami bwiwe bworama?


Imbuto zabibwe ku rutare zerekana ukuntu abantu bumva ijambo ry’Imana hanyuma bagaca baryakirana umunezero mu mitima yabo.


Umurima ni iyi isi, imbuto nziza ni abana b’Ubwami. Urwamfu ni abana ba wa mubi.


Ico gihe Yesu agendagenda mu ntara yose ya Galilaya yigishiriza mu masinagogi yaho, avuga Ubutumwa Bwiza bw’Ubwami, akiza abantu ingwara zose n’ubumuga bwose.


Muvuge ngo ‘ego’ iyo ari ego canke ‘oya’ iyo ari oya, ibindi vyose wongerako biba bivuye kuri wa mubi.


Abantu bamwe bafise imitima imeze nk’i ruhande y’inzira. Bagiheza kwumva iryo jambo, Satani araza akiba iryo jambo ritewe mu mitima yabo.


Mukize abarwaye, mwongere mubabwire muti ‘Ubwami bw’Imana burabegereye.’


aca abarungika kwigisha ivy’Ubwami bw’Imana no gukiza abarwaye.


Pilato aramubaza ati: “Ukuri ni iki?” Ahejeje kuvuga ivyo, aca arasohoka aja aho Abayuda bari bakoraniye, ababwira ati: “Nta kintu na kimwe kimwagira.


Ni kuki mudatahura inyigisho zanje? Ni kubera mudashobora no kwumviriza amajambo yanje.


Bumvise ivyo kuzuka kw’abapfuye, bamwe baritwengera, ariko abandi bavuga bati: “Tuzosubira kukwumviriza kuri ivyo ikindi gihe.”


Ariko ko numva ari ingorane y’amajambo, amazina n’ivyagezwe vyanyu, nimurwicire mwebwe nyene. Sinshobora guca imanza nk’izo.”


None rero ndazi ko mwebwe abo nabwiye Ubutumwa Bwiza bw’Ubwami ata n’umwe azosubira kumbona.


Baca bashinga uwundi musi bazobonanirako, hanyuma baza ari benshi bamusanga mu nzu yabamwo. Kuva mu gitondo gushika mw’ijoro, arabasigurira yongera abemeza ivy’Ubwami bw’Imana, agerageza kubatahuza ivya Yesu Kristo akoresheje ibitabu vy’ivyagezwe vya Mose n’ivy’abavugishwa n’Imana.


Kuko banse kumenya Imana, na yo yarabahevye, irabareka ngo bakurikire ivyiyumviro vyabo bipfuye, bakore ibintu batari babereye gukora.


Kuko igihambaye mu Bwami bw’Imana si ukurya no kunywa, ahubwo ni ubuzima bugororotse, amahoro n’umunezero bitangwa na Mpwemu Yera.


Ariko izosuka uburake n’ubushangashirwe bwayo kuri abo bose birukira ivyo imitima yabo ihahamiye, batumvira ukuri, bagakurikira ikibi.


Naho ndi uwo hanyuma y’abera bose, ubwo buntu bw’Imana narabugiriwe, ndaronka iryo teka ryo kubwira Abanyamahanga ubutunzi butagira urugero bafise muri Kristo.


hanyuma kubera yuko banse kwizera ukuri, ariko bakanezerererwa ikibi bazocirirwe urubanza.


Ni co gituma dutegerezwa kwitwararika cane ukuri twumvise, kugira ngo ntituzimire tukakuvamwo.


Ntitukamere nka Kayini, yari uwa wa mubi akica umuvukanyi wiwe. Mbe ni kuki yamwishe? Ni kubera ibikorwa vya Kayini vyari bibi, ivya murumunawe bikaba ibigororotse.


Turazi ko ata muntu yavyawe n’Imana abandanya gukora icaha, kuko Umwana w’Imana aramurinda, kandi wa mubi nta co ashobora kumukorako.


Turazi kandi ko Umwana w’Imana yaje akaduha ugutahura, kugira ngo tumenye Imana nyakuri. Ubu turi mu Mana nyakuri kuko turi mu Mwana wayo, Yesu Kristo. Ni we Mana nyakuri kandi ni we bugingo budashira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ