Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 13:11 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Yesu arabishura ati: “Ni mwebwe mwahawe kumenya amabanga y’ivy’Ubwami bw’ijuru, ariko bo ntibabihawe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Arabishura, ati Mwebge mwahawe kumenya amabanga y’ubgami bgo mw ijuru, ariko bo ntibābihawe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 13:11
40 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abigishwa biwe baramwegera baramubaza bati: “Ni kuki wigisha abantu ukoresheje imigani?”


Yesu aramwishura ati: “Uri umuhirwe, Simoni mwene Yona, kuko ivyo ntubihishuriwe n’umuntu buntu afise inyama n’amaraso gusa, ariko ni Data wo mw’ijuru abiguhishuriye.


Yesu arabishura ati: “Si bose bashobora kwemera iyi nyigisho kiretse abo Imana ibishoboje.


Yesu arababwira ati: “Ni ivy’ukuri ko muzonywa ku gikombe canje. Ariko, ku vyerekeye kwicara i buryo canke i bubamfu bwanje si jewe ndabitanga. Ivyo bibanza ni ivy’abo Data yabiteguriye.”


ariko ibijanye no kwicara i buryo canke i bubamfu bwanje si jewe ndabitanga. Ivyo bibanza ni ivy’ababiteguriwe.”


Arabishura ati: “Mwebwe mwahawe kumenya amabanga y’ivy’Ubwami bw’Imana. Ariko ku batabihawe, nkoresha imigani


Na we ababwira ati: “Ni mwebwe mwahawe kumenya amabanga y’ivy’Ubwami bw’Imana. Ariko ku bandi nkoresha imigani kugira ngo, ‘naho boraba ntibabone, kandi naho bokwumviriza ntibatahure.’


Yongerako ati: “Ni co gituma nababwiye ko ata muntu ashobora kuza aho ndi atabishobojwe na Data.”


Umuntu wese ahisemwo gukora ivyo Imana ishaka azotahura nimba inyigisho zanje ziva ku Mana canke ko ari amajambo yanje gusa.


Umwe mu bariko baratwumviriza yitwa Lidiya, yava i Tuwatira, akaba yari umudandaza w’impuzu z’agaciro kandi yubaha Imana. Nuko Umwami Imana yugurura umutima wiwe, yakira Ubutumwa Pawulo yariko aravuga.


Bene Data, ndagomba ko mumenya iri banga ngira ndababwire kugira ngo bibarinde ubwibone. Bamwe mu Bisirayeli bafise imitima ikomantaye, ariko ivyo bizorangira igitigiri c’Abanyamahanga binjira mu gakiza gikwiye.


Imana, yo ishobora kubakomeza mu kwizera, nk’uko Ubutumwa nahawe buvuga ihabwe icubahiro. Ubwo Butumwa buvuga Yesu Kristo kandi bwerekana umugambi Imana ifise kuri mwebwe abanyamahanga, wari waragizwe ibanga kuva kera.


Naho nogira ingabire yo kuvugishwa n’Imana, nkagira ukwizera kwokwimura imisozi ariko ntagira urukundo, vyoba ari ubusa.


Ariko reka ndababwire ibanga rihambaye: ntituzopfa, ahubwo tuzohindurwa ukundi.


Umuntu adafise Mpwemu ntashobora kwakira ibiva kuri Mpwemu w’Imana, kuko bisa n’ubujuju kuri we, kandi ntashobora kubitahura kuko bisesangurwa biciye muri Mpwemu.


Ahubwo tubabwira ubwenge bw’Imana bwagizwe ibanga, bwari bwaranyegejwe, ariko Imana ikaba yarabuduteguriye isi itararemwa kugira ngo buzoduhe ubwiza.


Nuko rero mwese mudufate nk’abakozi ba Kristo, abo Imana yajeje kumenyekanisha amabanga yayo yahishuye.


Mbega ni nde yababwiye ko muruta abandi? Hari ico mufise mutahawe? None nimba mwaragihawe, ni kuki mwishira hejuru nk’aho mutagihawe?


Ndabasengera ngo amaso y’imitima yanyu amurikirwe kugira ngo mumenye ivyizigiro yabahaye igihe yabahamagara, n’ubwiza bwinshi bw’umugabane yateguriye abantu biwe batunganye.


Imana yaduhaye kumenya ibanga ry’umugambi wayo, uwo yari yarateguye gushira mu ngiro, mu kugira neza kwayo, ibicishije muri Kristo.


Iri ni ibanga rihambaye; ariko ni ishusho nziza yerekana ivya Kristo n’ishengero.


Kandi nanje munsengere, kugira ngo igihe cose mvuze, mpabwe amajambo kugira ngo menyeshe abantu ibanga ry’Ubutumwa Bwiza ntatinya,


Intumbero yanje ni uko bose baremeshwa mu mutima bari n’ubumwe buva mu rukundo, kugira ngo bagire ubutunzi bwuzuye bwo gutahura gushitse, kugira ngo bamenye iryo banga ry’Imana, ari ryo Kristo.


Ikirengeye ivyo umuntu yokwibaza vyose, ikinyegezwa c’ukwizera kwacu kirahambaye: Kristo yabonetse mu mubiri, yemezwa na Mpwemu Yera, abonwa n’abamarayika, amenyekanishwa mu mahanga, yizerwa n’abo mw’isi, aduzwa mu bwiza bwo mw’ijuru.


Bategerezwa kandi kuba bazigamye neza ukuri kw’ukwizera, badafise ijwi ribagiriza mu mitima.


Nihaba hariho uwo muri mwebwe akeneye ubwenge bw’Imana, akwiye kubusaba Imana, kuko itanga cane kandi ibikunze. Nta we itera imiragwe kuko ayisavye, kandi azobuhabwa.


Ariko mwebwe Kristo yabahaye Mpwemu Yera, ni co gituma mwese muzi ukuri.


Ariko mwebwe, Mpwemu Yera mwahawe na Kristo aguma muri mwebwe, ni co gituma mudakeneye umuntu wo kubigisha. Uwo Mpwemu arabigisha ivyo mukwiye kumenya vyose, kandi ivyo abigisha ni ivy’ukuri; nta binyoma birimwo. Nuko mugume muri Kristo, nk’uko Mpwemu yabigishije.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ