Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 12:45 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

45 Maze ica isubira ikagenda, ikazana izindi mpwemu mbi indwi ziyirusha ububi, zikinjira muri wa muntu, zikibera ngaho. Ivya nyuma vy’uwo muntu biba bibi kurusha ivya mbere. Uko ni ko bizogenda ku bantu ba kino gihe kibi.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

45 Igaca igenda, ikazana izindi mpwemu ndwi ziyirusha ububi, zikinjira, zikahaba. Ivya nyuma vy’uwo muntu bikarusha ivya mbere ububi. Ni ko bizoba no ku b’iki gihe kibi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 12:45
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko Abafarisayo bavyumvise baca bavuga bati: “Uwo nta kindi kimushoboza kwirukana abadayimoni atari Beyelizebuli, umukuru w’abadayimoni.”


ica ivuga iti: ‘Reka nisubirire muri ya nzu nahoramwo.’ Ishitse, iraheza igasanga iyo nzu ata kiyibamwo, isukuye kandi itunganije neza.


Ugusenga n’ukwisonzesha ni vyo vyonyene bishobora kwirukana idayimoni nk’irya.”]


Muzobona ibara yemwe bigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo, kuko muri indyarya! Mukwiragira hose ku misozi no mu biyaga murondera umuntu umwe ngo mumuhindure umunyedini, mumaze kumuronka mugaca mumuhindura incuro zibiri kuba uwo gutabwa muri Gehinomu, nk’uko muri!


Yemwe ndongozi zihumye! Murayungurura agatuku mu vyo munywa, ariko ingamiya mukayimirira rimwe!


Yesu amaze kuzuka, mu gatondo ku musi wa mbere w’indwi, yabanje kwiyereka Mariya Magadalena, uwo yari yarirukanyemwo abadayimoni indwi.


Yesu aramubaza ati: “Witwa nde?” Na we arishura ati: “Nitwa Gitero, kuko turi benshi.”


Maze ica igenda ikazana izindi mpwemu mbi indwi ziyirusha ububi, zikinjira muri wa muntu, zikibera ngaho. Ivya nyuma vy’uwo muntu biba bibi kurusha ivya mbere.”


Kuko mu ntambara yacu ntituriko tugwana n’abafise umubiri n’amaraso, ariko tugwana n’abatware babi, n’abafise ububasha b’ahantu tutabona, n’abanyabushobozi bo mw’isi y’umwijima hamwe rero n’impwemu mbi z’ahantu ho mw’ijuru.


Ariko twebwe ntituri mu basubira inyuma bagahona, ahubwo turi mu bizera bagakiza imitima yabo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ