Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 12:28 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

28 Ariko nimba ari Mpwemu w’Imana anshoboza kwirukana abadayimoni, Ubwami bw’Imana bwashitse muri mwebwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

28 Ariko Mpwemu w’Imana ni yaba ari we anshoboza gusenda abadayimoni, noneh’ ubgami bg’Imana burabashikiriye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 12:28
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

“Ng’uwu umukozi wanje natoranije, uwo nkunda kandi umutima wanje unezerererwa. Nzomushirako Mpwemu wanje, na we azomenyesha amahanga ivy’ubutungane.


Ikindi, umuntu yoshobora ate kwinjira mu nzu y’umunyenkomezi ngo amunyage ivyo atunze atabanje kumuboha? Aho ni ho honyene ashobora kwinjira mu nzu akamunyaga ivyiwe.


Mbega muri abo babiri, ni nde yakoze ivyo se yagomba?” Baramwishura bati: “Uwa mbere.” Yesu arababwira ati: “Ndababwire ukuri, abatozakori biba n’abamaraya barabatanze kwinjira mu Bwami bw’Imana.


Ndababwire, muzokwakwa Ubwami bw’Imana, buhabwe ayandi mahanga azokwama ivyamwa bikwiranye na bwo.


Nuko inkuru ziwe zikwiragira hose, gushika no muri Siriya. Bamuzanira abarwayi bose: abafise ububabare butandukanye, ababoshwe n’abadayimoni, abarwaye intandara, hamwe n’abatikakaza kubera bababara mu mubiri; bose arabakiza.


Ahubwo, nimubanze mwitwararike Ubwami bw’Imana no kugororoka kwayo, hanyuma ivyo na vyo izobibaha nk’inyongera.


ati: “Igihe kirashitse, Ubwami bw’Imana buri hafi. Nimwihane mwizere Ubutumwa Bwiza.”


“Hahezagirwe ubwami bwa sogokuruza Dawidi buje!” “Hozana hejuru mw’ijuru!”


Kandi ibi ni vyo bimenyetso bizoboneka ku bizera: bazokwirukana abadayimoni mw’izina ryanje, bazovuga indimi nshasha,


‘N’umukungugu wo mu gisagara canyu uri ku birenge vyacu turawukunkumuye kugira ngo bibabere icagiriji, ariko mumenye neza ko Ubwami bw’Imana bubegereye.’


Ariko nimba ububasha bw’Imana ari bwo bunshoboza kwirukana abadayimoni, Ubwami bw’Imana bwashitse muri mwebwe.


Igihe c’ivyagezwe vya Mose n’abavugishwa cagarukiye kuri Yohana. Kuva ico gihe, ubutumwa bwiza bw’Ubwami bw’Imana buravugwa, kandi abinjira muri ubwo Bwami barabubandanira.


aca abarungika kwigisha ivy’Ubwami bw’Imana no gukiza abarwaye.


ingene Imana yarobanuje Yesu w’i Nazareti Mpwemu Yera n’ubushobozi, n’ukuntu yagendagenda hose agira neza, akiza n’abari mu gacinyizo ka wa mubi, kuko Imana yari kumwe na we.


Kuko igihambaye mu Bwami bw’Imana si ukurya no kunywa, ahubwo ni ubuzima bugororotse, amahoro n’umunezero bitangwa na Mpwemu Yera.


Yaradukijije adukura mu bubasha bw’umwijima, adushira mu bwami bw’Umwana wiwe akunda.


Ko twakira Ubwami budashobora kunyiganyizwa, muze dushimire Imana kandi tuyisenge mu buryo buyihimbara tuyitinya kandi tuyubashe.


Umuntu wese abandanya akora ivyaha ni uwa wa mubi, kuko uwo mubi yamye akora ivyaha kuva mu ntango. Ariko Umwana w’Imana yaje gusambura igikorwa ca wa mubi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ