Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 12:24 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

24 Ariko Abafarisayo bavyumvise baca bavuga bati: “Uwo nta kindi kimushoboza kwirukana abadayimoni atari Beyelizebuli, umukuru w’abadayimoni.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 Arikw Abafarisayo bavyumvise baravuga, bat’ Uyu ntashobozwa n’ikindi gusenda abadayimoni, atari Beyezebuli, umukuru w’abadayimoni.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 12:24
7 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umwigishwa akwiye kugera ku rugezo rw’umwigisha wiwe, kandi umukozi akwiye kugera ku rugezo rwa shebuja. Nimba umukuru w’inzu bamwise Beyelizebuli, mbega abo mu nzu yiwe ntibazorushiriza kubita gutyo!


Inyuma y’ivyo, baca bamuzanira umuntu aboshwe n’umudayimoni amutera kuba ikiragi.


Ariko Abafarisayo bo baravuga bati: “Umukuru w’abadayimoni ni we amushoboza kwirukana abadayimoni.”


Abigisha b’ivyagezwe bari baje bava i Yerusalemu bavuga bati: “Akoreshwa n’ububasha bwa Beyelizebuli! Umukuru w’abadayimoni ni we amushoboza kwirukana abadayimoni.”


Umusi umwe Yesu yirukanye umudayimoni yari yateye umuntu kuba ikiragi. Amuvuyemwo, wa muntu aca aravuga, maze abantu baratangara cane.


Ariko bamwe muri bo bavuga bati: “Ni Beyelizebuli, umukuru w’abadayimoni amushoboza kwirukana abadayimoni.”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ