Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 12:18 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 “Ng’uwu umukozi wanje natoranije, uwo nkunda kandi umutima wanje unezerererwa. Nzomushirako Mpwemu wanje, na we azomenyesha amahanga ivy’ubutungane.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 ngo Nguyu umushumba wanje natoranije, Nkunda, ahimbara umutima wanje; Nzoshira Mpwemu wanje kuri we, Azomenyesha abanyamahanga amateka azocibga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 12:18
40 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ivyo vyabaye kugira ngo ivyo uwavugishwa n’Imana Yesaya yavuze bishike, aho yavuze ati:


Akiriko aravuga, haza igicu cera derere kirabatwikira. Hanyuma ijwi ryumvikanira muri ico gicu, rivuga riti: “Uwu ni Umwana wanje nkunda cane kandi ampimbara. Nimumwumvirize!”


Maze ijwi ryumvikana rivuye mw’ijuru riti: “Uri Umwana wanje nkunda, ukampimbara.”


Maze haza igicu kirabatwikira, hanyuma ijwi ryumvikanira muri ca gicu, rivuga riti: “Uwu ni Umwana wanje nkunda cane. Nimumwumvirize!”


Abantu isinzi bari aho babiraba; abakuru b’Abayuda na bo bamucokora, bavuga bati: “Yakijije abandi, niyikize na we turabe, ko yigira ngo ni Kristo, Uwatoranijwe n’Imana.”


Mpwemu Yera amanuka kuri we mw’ishusho y’inuma. Maze ijwi ryumvikana rivuye mw’ijuru riti: “Uri umwana wanje nkunda kandi urampimbara.”


“Mpwemu w’Uhoraho ari kuri jewe, kuko yansize amavuta ngo mbwire aboro Ubutumwa Bwiza. Yantumye kurekura imbohe ngo zidegemvye, guhumura amaso y’impumyi, kurekura abacinyijwe ngo bidegemvye,


Maze humvikana ijwi muri ico gicu, rivuga riti: “Uwu ni Umwana wanje natoranije. Nimumwumvirize!”


Uwo Imana yatumye avuga amajambo y’Imana, kuko Imana imuha Mpwemu itamupimiye.


ingene Imana yarobanuje Yesu w’i Nazareti Mpwemu Yera n’ubushobozi, n’ukuntu yagendagenda hose agira neza, akiza n’abari mu gacinyizo ka wa mubi, kuko Imana yari kumwe na we.


Bavyumvise ntibagira ico basubizayo, ahubwo bashima Imana, bavuga bati: “Erega noneho Imana ihaye Abanyamahanga na bo akaryo ko kwihana ivyaha vyabo ngo baronke ubugingo budashira.”


Bashitse muri Antiyokiya, bakoranya ishengero baryiganira ivyo Imana yabakoresheje vyose, n’ukuntu yugururiye imiryango Abanyamahanga na bo bakizera.


Ni co gituma duhimbaza Imana kubera ubwiza bw’ubuntu bwayo yatugiriye biciye mu Mwana wayo ikunda.


Jewe Pawulo, intumwa ya Kristo Yesu kubera ugushaka kw’Imana, na mwene Data Timoteyo,


Yaradukijije adukura mu bubasha bw’umwijima, adushira mu bwami bw’Umwana wiwe akunda.


Nimwegere Umwami, ni we buye rifise ubugingo ryagawe n’abantu ariko ryatoranijwe n’Imana.


Yahawe na Data Imana, icubahiro n’ubwiza, igihe ijwi rivuye mu bwiza burengeje ryavuga riti: “Uwu ni Umwana wanje, nkunda cane kandi ampimbara.”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ