16 ariko arabihanikiriza ngo ntihagire umuntu n’umwe avuga uwo ari we.
16 Arabihaniza ngo ntibagende baramwandagaza,
Ivyo vyabaye kugira ngo ivyo uwavugishwa n’Imana Yesaya yavuze bishike, aho yavuze ati:
Bariko baramanuka bava kuri uwo musozi, Yesu arabihanikiriza ati: “Ntihagire umuntu n’umwe mubwira ivyo mwabonye, kugeza Umwana w’Umuntu amaze kuzuka mu bapfuye.”
Hanyuma Yesu aca aramubwira ati: “Ntihagire umuntu n’umwe ubibwira. Ariko genda umuherezi agusuzume, hanyuma utange ikimazi Mose yashinze ko uwuhumanutse atanga kugira ngo bose bamenye ko wahumanutse.”
Maze amaso yabo aca arahumuka. Yesu arabihanikiriza ati: “Mwiyubare, ntihagire umuntu n’umwe abimenya.”
Yesu n’abigishwa biwe bava aho hantu baja ku kiyaga c’i Galilaya, maze abantu benshi baramukurikira bavuye i Galilaya, i Yudaya,
Yesu ategeka abari aho kutabibwira umuntu n’umwe. Ariko uko yababuza ni ko barushiriza kubikwiragiza.