Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 12:15 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Yesu abimenye aca ava ngaho, maze abantu benshi baramukurikira hanyuma akiza abarwaye bose bari muri bo,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Yesu abimenye, arahava. Benshi baramukurikira, abakiza bose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 12:15
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nibabahama mu gisagara kimwe, muze muhungire mu kindi. Ndababwira ukuri ko mutazoheza kugendagenda mu bisagara vyose vya Isirayeli Umwana w’Umuntu ataraza.


Abantu benshi baramukurikira, akirizayo abarwaye babo.


Kandi aho yaja hose, haba mu mihana, mu bisagara canke mu misozi, abantu bazana abarwaye babo bakabashira ahabona, maze bakamwinginga ngo abareke bakore ku musozo w’impuzu yiwe, kandi ababukorako bose baca bakira.


Yesu aca aramenya ivyo bariko bariyumvira, maze arababaza ati: “Ni kuki muriko mwiyumvira gutyo mu mitima yanyu?


Umusi umwe Yesu aduga ku musozi, akesha ijoro ryose asenga Imana.


ariko abantu barabimenya, baca baramukurikira. Yesu arabakira, aca atangura kubabwira ivy’Ubwami bw’Imana, akiza n’abari bagwaye.


Ivyo vyatumye Yesu adasubira kugendagenda ku mugaragaro mu Bayuda. Ahubwo yaciye aja mu karere ko hafi y’ubugaragwa, mu gisagara citwa Efurayimu, agumanayo n’abigishwa biwe.


Inyuma y’ivyo, Yesu agendagenda mu ntara ya Galilaya. Ntiyashaka kugenda mu ntara ya Yudaya kuko abakuru b’Abayuda baho bariko barondera ingene bomwica.


Dutegerezwa gukora ibikorwa vy’uwantumye hakibona. Ijoro riraje, aho ata wushobora gukora.


Dukore ivyiza tudacika intege, kuko igihe gikwiye kigeze tuzokwimbura, nitutarambirwa.


Kuko, Imana yabahamagariye gukora ivyiza, mbere no mu gihe ivyo bishobora kubashikana mu mibabaro, nk’uko Kristo na we yababajwe ku bwanyu. Ni we citegererezo canyu kandi mutegerezwa kumwigana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ