Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 12:14 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Abafarisayo baca baragenda baja kugira inama barondera ingene bokwica Yesu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Abafarisayo barasohoka, bamugīra inama ngo babone ingene bomwica.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 12:14
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

kugira ngo barabe akaryo ko gufata Yesu mu mpisho, bamwice.


Kare mu gitondo, abakuru b’abaherezi hamwe n’abakuru b’Abayuda bagira inama yo kwica Yesu.


Ico gihe hari hasigaye imisi ibiri ngo Umusi Mukuru wa Pasika n’Umusi Mukuru w’Imikate Itarimwo Umwambiro ishike. Kandi abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyagezwe bariko barondera akaryo ko gufata Yesu mu kinyegero kugira ngo bamwice.


Abafarisayo baca baragenda baja inama n’abayoboke ba Herode, barondera ingene bokwica Yesu.


abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyagezwe barondera akaryo ko kwica Yesu, ariko batinya abantu.


Ariko ba Bafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe barashavura cane, batangura kuja inama babazanya bati: “Yesu tumugire dute?”


Nuko Abayuda bongera gutora amabuye ngo bayamutere,


Nuko bagerageza kumufata kandi, ariko arabacika.


Kuva uwo musi baca batangura gutegura ingene bokwica Yesu.


Abakuru b’abaherezi n’Abafarisayo bari batanze itegeko ko umuntu wese yobona aho Yesu ari yoca aja kubibabwira kugira ngo bamufate.


Ivyo vyatumye Abayuda barushiriza kurondera ingene bomwica; kuko uretse kutubahiriza Isabato, yavuze ko Imana ari Se, gutyo yigira uwungana n’Imana.


Maze abantu baca bagerageza kumufata ariko nta n’umwe yashoboye kumukozako ukuboko kuko igihe ciwe kitari bwashike.


Abafarisayo bumvise ivyo abantu bariko barongoreranira kuri Yesu, baca bafatanya n’abakuru b’abaherezi batuma abarinzi b’urusengero gufata Yesu.


Bamwe muri bo bashaka kumufata, ariko nta n’umwe yubahutse kumukozako ukuboko.


Bumvise ayo majambo baca batora amabuye ngo bayamutere, ariko Yesu aca arinyegeza, arasohoka ava mu rusengero.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ