Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 12:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 ahasanga umuntu akongataye ukuboko. Kuko bashaka ico bafatirako kugira ngo bamwagirize, baramubaza bati: “Mbega biremewe gukiza umuntu ku musi w’Isabato?”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Kandi hārimw’ umuntu anyunyutse ukuboko. Baramubaza, bati Mbega birēmerwa gukiza kw isabato? Ngo baronke uko bomurega.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 12:10
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abafarisayo babibonye, baca baramubwira bati: “Ehe raba abigishwa bawe bariko bakora ikizira ku musi w’Isabato!”


Bamwe mu Bafarisayo baza aho ari bashaka kumutega umutego, bamubaza bati: “Mbega biremewe ko umugabo yahukana n’umugore wiwe bivuye ku mvo iyo ari yo yose?”


Bamwe mu bari aho bamuhanga amaso ngo barabe ko amukiza, kuko bashaka ico bafatirako kugira ngo bamwagirize ko yakoze ku musi w’Isabato kandi kizira.


kugira ngo barabe ko bomufatira ku vyo yovuga.


Ariko umukuru w’isinagogi ababazwa n’uko Yesu akijije umuntu ku musi w’Isabato. Aca abarira abari aho ati: “Imisi y’ibikorwa ni itandatu. Muzohore muza gukizwa ingwara muri iyo misi, ariko atari ku musi w’Isabato.”


None rero tubwire: biremewe gutanga ikori rya Kayisari, canke ntivyemewe?”


ababwira ati: “Mwanzaniye uwu muntu muvuga ko yateye imigumuko, ariko namusambishirije imbere yanyu, nta caha camwagiriye.


batangura kumurega bavuga bati: “Uwu muntu twasanze ariko aragumura abantu bo mu bwoko bwacu, ababuza gutanga ikori rya Kayisari, kandi yigira Kristo, umwami.”


Abakuru b’Abayuda babwira wa muntu yakize bati: “Uwu ni umusi w’Isabato; ivyagezwe ntibikwemerera kwikorera ikirago cawe.”


Muri ayo mabaraza, hari haryamye abarwayi benshi, harimwo impumyi, abacumbagira, n’abanyunyutse. [Bari barindiriye ko amazi azikuruka.


Nimba mushobora gukeba umwana w’umuhungu ku musi w’Isabato kugira ngo mwubahirize icagezwe ca Mose, ni kuki munshavurira iyo nkijije umuntu ku musi w’Isabato.


Babajije Yesu ico kibazo kugira ngo bamutege umutego, maze baronke aho bahera mu kumwagiriza. Ariko Yesu arunama atangura kwandikisha urutoke hasi.


Bamwe mu Bafarisayo baravuga bati: “Uwu muntu yakoze ibi ntava ku Mana, kuko ntiyubahiriza umusi w’Isabato.” Ariko abandi barabaza bati: “None umunyavyaha yoshobora gukora ibitangaza nk’ibi?” Maze ivyo bituma bacanamwo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ