Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 11:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Abigishwa ba Yohana bamaze kugenda, Yesu atangura kubwira abantu ivyerekeye Yohana, ati: “Mbega mwagiye kuraba iki mu bugaragwa? Irenga rizungagizwa n’umuyaga?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Abo bagiye, Yesu atangura kubgira ishengero ivya Yohana, ati Mwagiye mu bugaragwa kurāba iki? Mbega n’irenga rihungabanywa n’umuyaga?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 11:7
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nimba atari uko, mwagiyeyo kuraba iki? Umuntu yambaye impuzu z’igiciro kinini? Haba na mba! Abambara impuzu z’igiciro kinini bari mu birimba vy’abami.


Irenga rivunitse ntazorihohosha, kandi n’urumuri rwaka buhoro ntazoruzimya, kandi ivyo azobikora kugeza ubutungane busasagaye.


Mbega umubatizo wa Yohana wavuye he? Ku Mana yo mw’ijuru canke ku bantu?” Baravugana hagati yabo bati: “Nitwavuga tuti: ‘Wavuye mw’ijuru,’ ahava atubaza ati: ‘None ni kuki mutizeye ivyo Yohana yavuze?’


Abantu bava i Yerusalemu, i Yudaya no mu karere k’uruzi Yorodani, bakaja iyo ari.


Nuko rero mwiyubare ku vyo mwumva. Uwufise vyinshi azokwongererezwa, uwufise bike na we azokwakwa n’ivyo yibaza ko afise.”


Yesu ahindukiye, abona ko bamukurikiye. Arababaza ati: “Mwipfuza iki?” Baramwishura bati: “Rabi (bisigura ‘Mwigisha’), watse indaro he?”


Yohana yari nk’itara ryaka rikabonesha, kandi mwamaze igihe munezererewe umuco wiwe.


Aho rero ni ho tutazosubira kumera nk’inzoya, ngo dukubebwe tujanwa hirya no hino n’imipfunda, twongera tuzungagizwa n’umuyaga uwo ari wo wose w’inyigisho z’ibinyoma n’amayeri vy’abantu bazimiza.


Ariko igihe asaba, abe yizeye adakekeranya, kuko umuntu akekeranya ameze nk’umupfunda wo mu kiyaga, uhuhwa kandi uzungagizwa n’umuyaga.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ