Mbega uwu si wa mubaji, nyina si Mariya, abo bavukana si Yakobo, Yosefu, Yuda na Simoni? Bashiki biwe si ababanyi bacu?” Maze ivyo birabatsitaza, bituma batamwizera.
Bene Data, nimba ngishishikara kwigisha ivyo gukebwa nk’uko bamwe babivuga, kubera iki noba nkiriko ndahamwa? Iyo mba ntacigisha agakiza kava ku musaraba wa Kristo, nta n’umwe biba bitsitaza.