30 Kuko umutwaro wanje urahwahutse kandi ivyo ndabikoreza ntibiremereye.”
30 Kukw ingata yanje itababaza, n’umutwaro wanje uhwahutse.
Hanyuma y’ivyo Yesu aragenda aca mu mirima y’ingano kandi hari ku musi w’Isabato. Abigishwa biwe bari bashonje, baca batangura guca imitwe y’ingano zeze, barazivungura, bakuramwo intete barazirya.
Ibi ndabibabwiye kugira ngo mugire amahoro muri jewe. Muri iyi si muzohagirira amarushwa menshi, ariko nimuhumure jewe naranesheje isi.”
None rero, ni kubera iki mugomba kugerageza Imana mu kuremeka abigishwa imitwaro twebwe ndetse na ba sogokuruza tutashoboye kwikorera?
Kuko Mpwemu Yera vyamubereye vyiza, kandi natwe bitubera vyiza kutabaremereza ikintu na kimwe kirengeye ivyo tubasaba, ari vyo vy’ibi:
Kuko imibabaro yacu naho ari mito kandi y’akanya gato, ituzanira ubwiza bw’akaburarugero kandi buzokwamaho.
Kristo yatubohoye kugira ngo aduhe umwidegemvyo. Hagarara mushikamye rero, ntimwongere kwemera umuntu n’umwe asubira kubaremereza imitwaro y’ubuja bw’ivyagezwe.
Ariko nimwarongorwa na Mpwemu Yera ntimuzoba mukiganzwa n’ivyagezwe vya Mose.
Nshobozwa vyose na Kristo ampa inkomezi.
Kuko gukunda Imana ni ukwitondera amabwirizwa yayo, kandi amabwirizwa yayo ntaremeye,