Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 11:23 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 Na we Kaperinawumu, mbega wibaza ko uzoduzwa gushika mw’ijuru? Haba na mba! Ahubwo uzokororerwa i kuzimu mu kibanza c’abapfuye, kuko ibitangaza vyakorewe muri wewe iyo biba vyabereye i Sodomu, haba harazigamwe kugeza n’uwu musi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Nawe, Kaperinawumu, mbeg’ uzoshirwa hejuru ushike kw ijuru? Oya, uzocokezwa i kuzimu; kukw ibikomeye vyakorewe muri wewe, iyo biba vyarakorewe i Sodomu, haba hakiriho na bugingo n’ubu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 11:23
30 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ndababwire ukuri: ku musi w’imanza, ibihugu vya Sodomu na Gomora bizogira agahengekerezo kurusha ico gisagara.


Nanje ndakubwiye ko uri Petero (bisigura ‘urutare’), kandi kuri urwo rutare, nzohubaka ishengero ryanje, kandi ko n’amarembo y’i kuzimu atazorinesha.


Yesu n’abigishwa biwe bashitse i Kaperinawumu, abatoza ikori ry’urusengero rigizwe na darakuma zibiri baza aho Petero ari, bamubaza bati: “Mbega umwigisha wanyu ntatanga ikori ry’urusengero?”


Yabanje kuja i Nazareti, hanyuma avayo aja kuba i Kaperinawumu, igisagara cari hafi y’ikiyaga mu ntara ya Zabuloni na Nafutali,


Yesu ashitse i Kaperinawumu, umusoda mukuru mu gisoda c’Abaroma aza aho ari, aramwinginga ngo amufashe.


Nawe Kaperinawumu, mbega wibaza ko uzoduzwa gushika mw’ijuru? Haba na mba! Ahubwo uzokororerwa i Kuzimu mu kibanza c’abapfuye.


Kuko uwishira hejuru wese azocishwa bugufi, ariko uwicisha bugufi azoshirwa hejuru.”


Ariko arababarizwa i kuzimu, yunamura amaso abona Aburahamu ari kure cane, na Lazaro ari mu gikiriza ciwe.


Yesu arababwira ati: “Ndazi ko mutazobura kuncira uwu mugani muti: ‘Muvuzi, niwivure!’ Kandi muzombwira muti: ‘Korera muri iki gisagara uvukamwo ibitangaza nk’ivyo twumvise wakoreye i Kaperinawumu!’ ”


kuko utazorekera umushaha wanje mu kibanza c’abapfuye, canke ngo uze ureke uwera wawe ngo abore.


Yeretswe ivyo muri kazoza, avuga ivy’ukuzuka kwa Kristo, ko atarekewe i kuzimu mu kibanza c’abapfuye, kandi ko n’umubiri wiwe utaboze.


Kandi mwibuke Sodomu na Gomora n’ibisagara vyari bihakikije. Abantu baho bihaye gukora ivyaha vy’ubuhumbu n’ivy’ubusambanyi vy’ubwoko bwose. Ni co catumye Imana yabatanzeko akarorero mu kubahanisha umuriro udashira.


Ndi Uwuriho; nari narapfuye none ndi muzima ibihe vyose. Kandi mfise urupfunguruzo rw’urupfu na kuzimu.


Imivyimba yabo izorambikwa kw’ibarabara rya ca gisagara gikuru, kimwe mu mpwemu kigereranywa na Sodomu canke na Egiputa, ico Umwami wabo yabambwemwo.


Ikiyaga kigarukana abapfuye bari muri co, urupfu na kuzimu bigarukana abari muri vyo, umwe wese aciribwa urubanza ruhwanye n’ivyo yakoze.


Haca haza ifarasi isa n’urwatsi rubisi. Uwuyigenderako yitwa Rupfu, uwaje amukurikira na we yitwa Kuzimu. Baca bahabwa ububasha, ku ca kane c’isi, bwo kumarisha abantu inkota, inzara, ingwara, n’ibikoko vyo mw’ishamba.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ