Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 11:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Yesu ahejeje gusigurira neza abigishwa biwe cumi na babiri igikorwa abatumye, ava ngaho aja kwigisha no kuvuga Ubutumwa Bwiza mu bisagara vy’i Galilaya.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Yesu arangije gutuma abigishwa biwe cumi na babiri, avayo, aja kwigisha abantu no kuvuga ivy’ Imana mu bisagara vyabo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 11:1
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

mubigishe gushira mu ngiro ivyo nabategetse vyose. Kandi mumenye ko ndi kumwe namwe imisi yose gushika ku muhero w’isi.”


Ico gihe Yesu agendagenda mu ntara yose ya Galilaya yigishiriza mu masinagogi yaho, avuga Ubutumwa Bwiza bw’Ubwami, akiza abantu ingwara zose n’ubumuga bwose.


Yesu amaze kuvuga ivyo, abantu batangazwa n’inyigisho ziwe;


Hanyuma Yesu agendagenda mu bisagara vyose no mu mihana yose yigisha mu masinagogi yabo, avuga Ubutumwa Bwiza bw’Ubwami, akiza ubumuga bwose n’ingwara zose.


Nuko baragenda bigisha abantu ivyo kwihana;


Ariko barushiriza kuvuga bati: “Agumura abantu i Yudaya hose biciye mu nyigisho ziwe. Yatanguriye i Galilaya none raba ashitse n’ino i Yerusalemu.”


Inyuma y’ivyo, Yesu agendagenda mu bisagara no mu mihana, avuga Ubutumwa Bwiza bw’Ubwami bw’Imana. Bamwe cumi na babiri bari kumwe na we,


Nimwakurikiza amabwirizwa yanje, muzoguma mu rukundo rwanje, nk’uko nanje nakurikije amabwirizwa ya Data nkaguma mu rukundo rwiwe.


Muzoba muri abakunzi banje nimwakora ivyo mbategeka.


gushika ku musi yurizwa mw’ijuru, ahejeje guha amategeko, mu bushobozi bwa Mpwemu Yera, intumwa yari yatoranije.


ingene Imana yarobanuje Yesu w’i Nazareti Mpwemu Yera n’ubushobozi, n’ukuntu yagendagenda hose agira neza, akiza n’abari mu gacinyizo ka wa mubi, kuko Imana yari kumwe na we.


Kandi yadutuma kwigisha abantu no gushinga intahe ko ari we Imana yashiriyeho kuba umucamanza w’abazima n’abapfuye.


Kuko murazi ivyo twabigishije turi mu bubasha bw’Umwami Yesu.


N’igihe twari kumwe namwe twamye tubaha icagezwe kivuga ngo: “Uwudashaka gukora no kurya ntarye.”


Bene Data, turabageze mw’izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo, ngo mwirinde uwitwa mwene Data wese mugabo w’ikinebwe, atagendera mu nyigisho twabahaye.


ngo ukurikize ivyo ndakugeze, utagira umugayo gushika aho Umwami wacu Yesu Kristo azohishurirwa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ