6 Ariko, mugende mu ntama zazimiye za Isirayeli.
6 Ariko muje mu ntama zazimiye zo mu muryango wa Isirayeli.
Mwirinde ntimugakengere umuntu n’umwe muri aba bato, kuko ndababwira yuko abamarayika babo bama bahanze amaso Data wo mw’ijuru. [
Kuko Umwana w’Umuntu yazanywe no gukiza abazimiye.]
kandi ubutumwa bw’ukwihana n’uguharirwa ivyaha buzovugwa mw’izina ryiwe mu mahanga yose, uhereye i Yerusalemu.’
Pawulo na Baranaba baca barabishura ata bwoba bati: “Ni mwebwe mwari mukwiye kwumva ijambo ry’Imana ubwa mbere. Ariko ko muryanse, mukabona ko mutabereye ubugingo budashira, duhindukiriye Abanyamahanga.
Ariko abonye ko Abayuda bamuhaririza bakanamutuka, aca akunkumura impuzu ziwe, ababwira ati: “Amaraso yanyu azobe ku gatwe kanyu. Jewe kuri ivyo ndera. Uhereye ubu ngiye kwigisha Abanyamahanga.”
Nahereye ku b’i Damasiko, hanyuma nja mu b’i Yerusalemu n’i Yudaya hose, ntibagiye no mu Banyamahanga, nigisha ko bakwiye kwihana bakagaruka ku Mana, kandi bagakora ibikorwa bikwiranye n’ukwihana kwabo.
Igihe Imana yazura umusavyi wayo, yabanje kumutuma kuri mwebwe, kugira ngo umwe wese muri mwebwe ahabwe umugisha mu kuva mu nzira ziwe mbi.”
Kera mwari mumeze nk’intama zazimiye ariko ubu mwaragarutse ku mwungere w’ubugingo bwanyu.