Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 10:14 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Aho bazokwanka kubakira no kwumviriza amajambo muvuga, muze mukunkumure umukungugu wo mu birenge vyanyu, maze muve muri iyo nzu canke muri ico gisagara.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Kand’ umuntu n’atabākīra, canke ngo yumve amajambo yanyu, mukiva mur’ ino nzu canke muri nya gisagara, muze mukunkumure umukungugu wo mu birenge vyanyu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 10:14
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Niyaba ibikwiye, umuhezagiro wanyu uze ube kuri yo; niyaba itabikwiye, umuhezagiro wanyu uzogumana namwe.


Umuntu wese yakira umwana muto mw’izina ryanje ni jewe aba yakiriye.


Nimwaja ahantu bakanka kubakira canke kubumviriza, muze mukunkumure umukungugu wo ku birenge vyanyu, muhave. Ico kizobabera ikimenyetso co kubagiriza.”


“Umuntu wese yakira umwe muri aba bana bato mw’izina ryanje aba anyakiriye; kandi uwunyakiriye wese ntaba yakiriye jewe gusa, ahubwo aba yakiriye uwantumye.”


Arababarira ati: “Uwakira umwana muto nk’uwu mw’izina ryanje ni jewe aba yakiriye; kandi uwunyakiriye wese aba yakiriye uwantumye. Uwa nyuma muri mwebwe ni we mukuru muri mwese.”


Aho batazobakira, muzokunkumure umukungugu wo mu birenge vyanyu, kugira ngo bizobabere icagiriji.”


Ndababwire ukuri, umuntu wese yakira intumwa yanje aba anyakiriye; kandi uwunyakiriye aba yakiriye uwantumye.”


Pawulo na Barunaba na bo bakunkumura umukungugu wo mu birenge vyabo, baca baja muri Ikoniyo.


Ariko abonye ko Abayuda bamuhaririza bakanamutuka, aca akunkumura impuzu ziwe, ababwira ati: “Amaraso yanyu azobe ku gatwe kanyu. Jewe kuri ivyo ndera. Uhereye ubu ngiye kwigisha Abanyamahanga.”


Ni co gituma uwanse kugendera izi nyigisho ataba yanse umuntu, ariko aba yanse Imana, yo ibaha Mpwemu wayo Yera.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ