Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 1:20 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Ariko, akivyiyumvira, umumarayika w’Umwami Imana araza avugana na we mu ndoto amubwira ati: “Yosefu mwana wa Dawidi, ntutinye kurongora Mariya, kuko inda afise yavuye kuri Mpwemu Yera.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Akivyiyumvira, umumarayika w’Umwami Imana amwiyerekera mu nzozi, aramubarira, ati Yosefu, mwana wa Dawidi, ntutinye kurongora Mariya umugeni wawe, kukw atwaye inda ya Mpwemu Yera.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 1:20
38 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uku ni ko ukuvuka kwa Yesu ari we Kristo kwagenze: nyina wiwe Mariya yari akowe na Yosefu, ariko imbere y’uko babana, asama inda ivuye ku bushobozi bwa Mpwemu Yera.


Hanyuma, Imana imaze kubamenyesha mu nzozi ngo ntibasubire kwa Herode, baca bisubirira iwabo bajanye iyindi nzira.


Bamaze kugenda, umumarayika w’Umwami Imana araza avugana na Yosefu mu nzozi amubwira ati: “Fata umwana na nyina ubahungishirize muri Egiputa; uzogumeyo kugeza aho nzokubwirira kugaruka, kuko Herode ariko arondera umwana ngo amwice.”


Herode amaze gupfa, umumarayika w’Umwami Imana abonekera Yosefu mu ndoto ari muri Egiputa,


Ariko amaze kwumva ko Arukelayosi ari we atwara intara y’i Yudaya mu gishingo ca se Herode, aca aratinya kujayo, mu nyuma amaze kuburirwa n’Imana mu ndoto, aja mu ntara y’i Galilaya,


Pilato acicaye aho acira imanza, umugore wiwe amurungikira ubutumwa buvuga ngo: “Ntihagire ikintu na kimwe ugira uwo mugororotsi, kuko naraye mbabajwe cane mu ndoto kubera we.”


Umumarayika abwira abo bagore ati: “Mweho ntimutinye, kuko ndazi ko murondera Yesu yabambwe.


Wa mumarayika aramwishura ati: “Ndi Gaburiyeli, kandi nama mpagaze imbere y’Imana. Ni yo yandungitse kukubwira iyi nkuru nziza.


Yosefu na we nyene ava i Nazareti, igisagara c’i Galilaya, aduga i Yudaya mu gisagara ca Dawidi citwa Betelehemu, kuko yakomoka mu muryango wa Dawidi.


Ariko mw’ijoro, umumarayika w’Umwami Imana yugurura imiryango y’ibohero, arabasohora.


Tunezerwe, duhimbarwe, tuyihe icubahiro! Kuko ubukwe bw’Umwagazi w’intama burashitse, kandi umugeni wiwe aramaze kwitegura.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ