6 (Yari yabuze ico avuga; kuko we na bagenziwe bari batekewe n’ubwoba.)
6 Ntiyar’ azi ico akwiye kuvuga, kuko bari baguye igihūmura.
Petero abwira Yesu ati: “Mwigisha, bitubereye vyiza kuba hano. Reka tuhashinge amahema atatu: iryawe, irya Mose, n’irya Eliya.”
Maze haza igicu kirabatwikira, hanyuma ijwi ryumvikanira muri ca gicu, rivuga riti: “Uwu ni Umwana wanje nkunda cane. Nimumwumvirize!”
Mose na Eliya bakiriko baratandukana na Yesu, Petero aramubarira ati: “Mwigisha, bitubereye vyiza kuba hano. Reka tuhashinge amahema atatu: iryawe, irya Mose, n’irya Eliya.” (Ariko Petero ntiyari azi ivyo ariko aravuga.)
Ndamubonye nca nikubita imbere y’ibirenge vyiwe nk’uwupfuye. Ariko aca anshirako ikiganza c’i buryo ambarira ati: “Ntutinye. Ndi Uwa Mbere kandi ndi Uwa Nyuma.