32 Ariko ntibatahura ico ababwiye, kandi batinya no kugira ico babimubazako.
32 Ariko bayoberwa iryo jambo, batinya kurimubaza.
Mu nyuma Yesu yiyereka bamwe cumi n’umwe bariko barasangira. Arabahambarira kubera ukutizera n’ugukomantaza imitima kuko banse kwemera ivyo babwiwe n’abamubonye amaze kuzuka.
Arababaza ati: “Mbega namwe ntimutahura? Ntimuzi ko ivyo umuntu arya bidashobora kumuhumanya?
Yesu arahindukira araba abandi bigishwa, akankamira Petero ati: “Satani, herera inyuma yanje. Ivyo wiyumvira si ivy’Imana, ni ivy’abantu.”
Nuko babigumya nk’ibanga, bibaza ico “ukuzuka mu bapfuye” bisigura.
Ariko abigishwa ntibigera batahura ikintu na kimwe muri ivyo ababwiye. Insiguro yavyo yari ihishijwe, bituma badatahura ico ashatse kubabwira.
Ariko ntibatahura ico ababwiye.
Aca abugurura ubwenge kugira ngo batahure Ivyanditswe.
Ariko bo ntibatahura ico ababwiye. Insiguro y’ayo majambo yari ihishijwe, bituma batayimenya, kandi batinya no kugira ico babimubazako.
Abigishwa ntibatahuye ubwo nyene ibiriko biraba. Ariko Yesu amaze kwinjira mu bwiza bwiwe, ni ho bibuka ko ivyo bamukoreye vyari vyaranditswe kuri we.
Nuko Yesu abonye ko bafise ico bashaka kumubaza, arababwira ati: “Muriko mubazanya ico nashatse kuvuga aho navuga nti: ‘Hasigaye igihe gito ntimusubire kumbona, ariko inyuma y’igihe gito muzosubira mumbone’?
Muri ako kanya, abigishwa biwe baragaruka, maze batangazwa cane no kubona Yesu ariko aravugana n’umugore. Ariko ntihagira uwubahuka kumubaza ati: “Ushaka iki?” canke ati: “Ni kuki uvugana n’uwo mugore?”