Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mariko 9:17 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Umwe muri ba bantu arishura ati: “Mwigisha, nakuzaniye umuhungu wanje, kuko aboshwe n’impwemu mbi ituma atavuga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Umwe mur’ iryo shengero aramwishura, ati Mwigisha, nari nakuzaniye umwana wanje, yinjiwemwo n’impwemu y’ikiragi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mariko 9:17
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umusi umwe Yesu yirukanye umudayimoni yari yateye umuntu kuba ikiragi. Amuvuyemwo, wa muntu aca aravuga, maze abantu baratangara cane.


Yesu abonye ko abantu benshi baje biruka batumbereye aho bari, ategeka ya mpwemu ihumanye ati: “Wa mpwemu itera uburagi n’ukutumva, va muri uwu mwana kandi ntuze wigere umugarukamwo.”


Yumvise ko Yesu yashitse i Galilaya avuye i Yudaya, aja iyo ari aramwinginga ngo aje i Kaperinawumu amukirize umuhungu wiwe yari ku mpfiro.


Umwe muri abo bantu arasemerera ati: “Ndakwinginze untabarire umuhungu wanje, kuko ndamufise ari umwe.


Umusi umwe, abavyeyi bazanye abana babo aho Yesu ari kugira ngo abarambikeko ibiganza, abahezagire. Ariko abigishwa barabakankamira.


Uwo mugore yari Umugirikikazi yavukiye i Foyinike muri Siriya. Nuko yinginga Yesu ngo yirukane impwemu mbi yari mu mukobwa wiwe.


aramwinginga ati: “Umukobwa wanje ari ku mpfiro. Ndakwinginze uze umurambikeko ibiganza akire abe muzima.”


Aramubwira ati: “Mwami, girira impuhwe umuhungu wanje, kuko arimwo idayimoni itera intandara kandi arababaye cane. Ni kenshi imuta mu muriro canke mu mazi.


Hanyuma bamuzanira umuntu aboshwe n’umudayimoni amutera kuba impumyi n’ikiragi. Nuko Yesu akiza uwo muntu, aca aravuga kandi arabona.


Inyuma y’ivyo, baca bamuzanira umuntu aboshwe n’umudayimoni amutera kuba ikiragi.


Yesu arababaza ati: “Mbega muriko muharira ku biki?”


Ishobora kumufatira aho ari ho hose, ikamutura hasi, akabira ifuro mu kanwa, agahekenya imisaya, hanyuma umubiri wiwe ukadadarara.”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ