Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mariko 9:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Maze abandanya ababwira ati: “Ndababwire ukuri, bamwe mu bahagaze hano muri kano kanya ntibazopfa batabonye Ubwami bw’Imana buza mu bushobozi bukomeye.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Arababgira, ati Ndababgira ukuri: mur’ aba bahagaze hano harimwo bamwe batazobona urupfu gushitsa aho bazobonera ubgami bg’Imana buzananye n’ubushobozi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mariko 9:1
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ndababwire ukuri, bamwe mu bahagaze ngaha ntibazopfa batabonye Umwana w’Umuntu aje ari mu bwami bwiwe.”


Inyuma y’ivyo, ni ho ikimenyetso cerekana kugaruka kw’Umwana w’Umuntu kizogaragara kw’ijuru, kandi hazoba amaborogo mu bantu bo mu moko yose yo kw’isi. Ni ho bazobona Umwana w’Umuntu aje ku bicu afise ububasha bwinshi n’icubahiro.


Aho Umwana w’Umuntu azozira, ari mu bwiza bwiwe, ari kumwe n’abamarayika biwe, azokwicara ku ntebe yiwe y’inganji.


Ni ho abantu bazobona Umwana w’Umuntu aserutse mu bicu afise ubushobozi n’ubwiza bihambaye.


Ndababwire ukuri, abo muri runo runganwe ntibazopfa bose ivyo vyose bitarashika.


Kandi yari yarahishuriwe na Mpwemu Yera ko atazopfa atabonye Kristo w’Umwami Imana.


Kuko ndababwire, sinzosubira kunywa ku muvinyu w’imizabibu, gushika aho Ubwami bw’Imana buzozira.”


kugira ngo muze murire mwongere munywere ku meza yanje mu Bwami bwanje, kandi muze mwicare ku ntebe z’icubahiro mucire imanza imiryango cumi n’ibiri y’Abisirayeli.


Ndababwire ukuri, bamwe mu bo turi kumwe hano ntibazopfa batabonye Ubwami bw’Imana.”


Ivyo vyatumye haba ibihuha hagati mu bizera ko uwo mwigishwa atazopfa. Ariko Yesu ntiyavuze ngo ntazopfa; yavuze ati: “Nimba nshaka ko abaho gushika ngarutse, ivyo bigutwaye iki?”


Ico tubona ni iki: Yesu yagizwe uwuri musi y’abamarayika igihe gito, none ubu yambaye ubwiza n’icubahiro kuko yadupfiriye twese. Ni ku bw’ubuntu bw’Imana Yesu yapfiriye abantu bose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ