Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mariko 8:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Maze Yesu abwira ba bantu ngo bicare hasi. Amaze gufata ya mikate akayishimira Imana, arayimanyagura ayiha abigishwa ngo bayihe abantu, na bo babikora uko.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Abarira ishengero ngo ryicare hasi; yābīra ya mitsima ndwi, arayishimira, arayimanyagura, ayihēreza abigishwa biwe, ngo bayibagaburire: bayigaburira ishengero.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mariko 8:6
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bariko barafungura, Yesu afata umukate, awushimira Imana, arawumanyura, awuha abigishwa biwe, avuga ati: “Nimwakire murye; uwu ni umubiri wanje.”


Yesu arabandanya ati: “Hamwe namanyagura ya mikate indwi nkagaburira abantu ibihumbi bine, mwegeranije ibiseke bingahe vyuzuye utumanyu basigaje?” Baramwishura bati: “Indwi.”


Yesu arababaza ati: “Mufise imikate ingahe?” Baramwishura bati: “Indwi.”


Bari bafise kandi n’udufi duke. Na two adushimira Imana, abwira abigishwa ngo baduhe abantu.


Hahiriwe abo bakozi shebuja azosanga bagiteramye bamurindiriye. Ndababwije ukuri ko na we azokenyera akabicarika, hanyuma akabagaburira.


Bicaye bagira bafungure, Yesu afata umukate, awushimira Imana, arawumanyagura, arawubahereza.


Ariko Mariya abwira abakozi ati: “Ico ababwira cose mugikore.”


N’ubundi bwato bwinshi buvuye i Tiberiya, buraza bushika hamwe Umwami Yesu yahezagirira imikate abantu bakayifungura.


Uwubahiriza umusi kanaka abikora ahesha icubahiro Imana. Uwurya indya zose abikora ahesha icubahiro Imana, kuko abikora ayishimira. N’uwirinda kurya bimwebimwe na we nyene abikora ahesha icubahiro Imana kandi abiyishimira.


Kandi ivyo mukora vyose, mu mvugo no mu ngiro, mubikore mw’izina ry’Umwami wacu Yesu, mushima Imana Data wa twese ku bwiwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ