Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mariko 8:34 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

34 Nuko Yesu ahamagara rya sinzi ry’abantu benshi bari hafi ngo begere abigishwa, arababwira ati: “Uwushaka kuba umwigishwa wanje wese, ategerezwa kwiheba, akikorera umusaraba akankurikira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

34 Ahamagara ishengero bo n’abigishwa biwe, arababgira, at’ Umuntu ni yagomba kunkurikira, ni yiyanke, yikorere umusaraba wiwe, ankurikire;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mariko 8:34
43 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umuntu wese atikorera umusaraba wiwe ngo ankurikire ntankwiriye.


Hanyuma Yesu aca abwira abigishwa biwe ati: “Umuntu wese agomba kuba umwigishwa wanje, ategerezwa kwiheba, akikorera umusaraba wiwe, akankurikira.


Bariko barasohoka igisagara, bahura n’umuntu yitwa Simoni w’i Kurene; abo basoda bamutegeka gutwaza Yesu umusaraba.


Yesu aramuraba yumva aramukunze. Aramubwira ati: “Hari ikintu kimwe ugihajije. Genda ugurishe ivyo utunze vyose, maze amahera ukuyemwo uyahe abakene; ni ho uzoronka ubutunzi mw’ijuru, hanyuma uze unkurikire.”


Hanyuma Yesu yongera guhamagara rya sinzi ry’abantu ngo begere aho ari, maze arababwira ati: “Nimuntege amatwi mwese, kandi mutahure:


“Mugire umwete wo guca mw’irembo ryaga, kuko ndababwire ukuri, benshi bazogerageza kwinjira ariko ntibabishobore.


Nuko rero, umuntu wese muri mwebwe adaheba ivyiwe vyose, ntashobora kuba umwigishwa wanje.


Yesu yumvise iyo nyishu aca amubwira ati: “Hari ikintu kimwe ugihajije. Genda ugurishe ivyo utunze vyose, maze amahera ukuyemwo uyahe aboro; ni ho uzoronka ubutunzi mw’ijuru. Hanyuma uce uza unkurikire.”


Yesu abwira abigishwa biwe, abari aho bose bumva, ati:


Yongera kubabwirira bose hamwe ati: “Uwugomba kunkurikira, ni yihebe, yikorere umusaraba wiwe ku musi ku musi, ankurikire.


Intama zanje zumva ijwi ryanje; ndazizi na zo zirankurikira.


Yesu asohoka yikoreye umusaraba wiwe, ajanwa ahantu hitwa Nyagihanga (mu Giheburayo hitwa Gologota).


binginga abigishwa ngo bagume bahagaze mu kwizera. Bababwira bati: “Dutegerezwa guca mu bitubabaza vyinshi kugira twinjire mu Bwami bw’Imana.”


Turazi neza ko kamere muntu kacu k’icaha kabambanywe na Kristo ku musaraba, kugira ngo inkomezi z’uwu mubiri w’icaha zihindurwe ubusa, ntituze dusubire kuba abagurano b’icaha.


Kandi ko turi abana, turi n’abaragwa: turi abaragwa b’Imana, abaraganwa na Kristo. Ariko nimba dushaka gusangira na we ubwiza bwiwe, dutegerezwa gusangira n’umubabaro wiwe na wo.


Bene Data, ndababwije ukuri ko mpakwa kwicwa ku musi ku musi. Ibi ni ukuri nk’uko munezero mfise kubera ivyo Umwami wacu Yesu Kristo yakoze muri mwebwe.


Ni co gituma, nimba ivyokurya vyotuma mwene Data akora icaha, sinzokwigera ndya inyama kugira ngo sintume atsitara akagwa.


N’aho ndi uwidegemvya nkaba ntajakariye umuntu n’umwe, nigira umugurano ku bantu bose kugira ngo nshobore kuzana benshi kuri Kristo.


si jewe nkiriho; ariko ni Kristo ariho muri jewe. Nkiri muri uwu mubiri, mbayeho mu kwizera Umwana w’Imana yankunze akitanga ku bwanje.


Aba Kristo Yesu babamvye kamere muntu kabo hamwe n’ivyo gahahamiye n’ivyo kipfuza.


Ariko jewe sinkagire ikindi nishimira atari umusaraba w’Umwami wacu Yesu Kristo. Ku bw’uwo, kuri jewe isi irabambwe, kandi nanje kuri yo ndabambwe.


Nipfuza kumenya Kristo no kumenya burya bushobozi bwamuzuye mu bapfuye no gusangira na we imibabaro yiwe, nse na we no mu rupfu rwiwe,


Ariko ivyo nahora nibaza ko bifise agaciro, ubu ndavyiyumvira nk’ibitagira ikimazi, kubera ivyo Kristo yakoze.


Ubu nezererewe imibabaro ndiko ndacamwo ku bwanyu. Mu mubiri wanje, ndiko ndashitsa ibisigaye ku mibabaro ya Kristo ku bw’umubiri wiwe, ari ryo Shengero.


Nuko rero, mwice ibintu vyose vya kamere k’isi: ubusambanyi, ibihumanya, ivyipfuzo vy’umubiri, ivyipfuzo bibi n’ugukunda amahera, ari kwo gusenga ibigirwamana.


Twarumvise ko bamwe muri mwebwe ari ibinebwe. Bareka gukora ariko bakita mu bitabaraba.


Ni bwo butwigisha kwiyambura ukutubaha Imana n’ibihimbaro vy’isi, no kubaho tuganza ingeso zacu, tugororotse kandi twubaha Imana muri kino gihe,


Nuko rero muze tuje iyo ari inyuma y’aho ducumbitse, twikoreye ibimaramare vyiwe,


Nuko rero, ko Kristo yababajwe mu mubiri, namwe mwamane uwo mutima, igihe cose mwame mwiteguriye kubabazwa nk’uko yababajwe. Kuko uwumaze kubabazwa mu mubiri ahorwa Kristo aba atakiganzwa n’icaha.


Ahubwo, mushimire Imana kuko muhawe gusangira na Kristo imibabaro yababajwe, kuko muzogira umunezero wuzuye niyahishurwa mu bwiza bwiwe.


kuko nzi ko vuba cane ngiye kuwamburwa, nk’uko Umwami Yesu Kristo yabimenyesheje.


Iki ni co kitwereka urukundo ico ari co: Yesu Kristo yatanze ubuzima bwiwe ku bwacu. Natwe dukwiye gutanga ubuzima bwacu ku bwa bene Data bandi.


Ntuterwe ubwoba n’imibabaro ugiye gucamwo, kuko wa mubi agiye gushira bamwe muri mwebwe mw’ibohero kugira ngo akugerageze. Muzobabazwa imisi cumi. Ariko niwaguma mu bwizigirwa gushika ku gupfa, nzoguha igitsibo c’ubugingo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ