30 Yesu aca arababuza ngo ntihagire umuntu n’umwe babwira uwo ari we.
30 Arabihanikiriza ngo ntihagire umuntu babgira ivyiwe.
Hanyuma aca yihanikiriza abigishwa biwe ngo ntihagire umuntu n’umwe babwira ko ari we Kristo.
Hanyuma Yesu aca aramubwira ati: “Ntihagire umuntu n’umwe ubibwira. Ariko genda umuherezi agusuzume, hanyuma utange ikimazi Mose yashinze ko uwuhumanutse atanga kugira ngo bose bamenye ko wahumanutse.”
Yesu ategeka abari aho kutabibwira umuntu n’umwe. Ariko uko yababuza ni ko barushiriza kubikwiragiza.
Yesu aca aramurungika muhira, amubwira ati: “Ntuce mu mihana.”
Bariko baramanuka bava kuri uwo musozi, Yesu arabihanikiriza ngo ntihagire umuntu n’umwe babwira ivyo babonye kugeza Umwana w’Umuntu azutse mu bapfuye.
Yesu aca arabihaniza ashimitse ngo ntihagire uwo babibwira