26 Yesu aca aramurungika muhira, amubwira ati: “Ntuce mu mihana.”
26 Amurungika i we, ati Ntuje no mur’ iyi mihana.
Hanyuma Yesu aca aramubwira ati: “Ntihagire umuntu n’umwe ubibwira. Ariko genda umuherezi agusuzume, hanyuma utange ikimazi Mose yashinze ko uwuhumanutse atanga kugira ngo bose bamenye ko wahumanutse.”
Nuko afata ukuboko ya mpumyi ayijana inyuma y’imihana. Ahejeje gucira amate ku maso ya ya mpumyi, ayirambikako ibiganza, arayibaza ati: “Hari ikintu ubona?”
Yesu ategeka abari aho kutabibwira umuntu n’umwe. Ariko uko yababuza ni ko barushiriza kubikwiragiza.
Maze Yesu arabihaniza ashimitse ngo ntihagire umuntu n’umwe babwira ivyabaye, yongera ababwira ngo bagaburire uwo mwana.
ariko arabihanikiriza ngo ntihagire umuntu n’umwe avuga uwo ari we.
Maze amaso yabo aca arahumuka. Yesu arabihanikiriza ati: “Mwiyubare, ntihagire umuntu n’umwe abimenya.”
Yesu yongera kurambika ibiganza ku maso ya wa muntu, maze amaso yiwe aca urahumuka. Aca arakira rwose, abona neza.