Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mariko 8:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 “Aba bantu banteye ikigongwe. Tumaranye imisi itatu none raba nta vyokurya basigaranye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 at’ Ishengero rinteye akagongwe, kuk’ uyu ar’ umusi ugira gatatu turi kumwe, none ntibagira ico barya.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mariko 8:2
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yesu amaze kuva mu bwato abona abantu isinzi, bamutera ikigongwe, aca abakiriza abarwaye.


Yesu abumvira ikigongwe, aca abakora ku maso; ubwo nyene baca barahumuka baramukurikira.


Abonye abantu, bamutera ikigongwe; kuko bari bagowe, batagira uwubatabara, mbere bameze nk’intama zitagira umwungere.


Yesu aterwa ikigongwe n’uwo muntu maze aramvura ukuboko amukorako, aramubwira ati: “Ndabishatse, kira uhumanuke!”


Ariko Yesu ntiyamwemerera, ahubwo amubwira ati: “Subira i muhira mu muryango wawe, ubabwire ivyo Umwami Imana yagukoreye vyose, n’ingene yakugiriye imbabazi.”


Nuko bafata ubwato baja ahantu hiherereye.


Yesu amaze kuva mu bwato abona abantu isinzi, bamutera ikigongwe, kuko bari bameze nk’intama zitagira umwungere. Nuko atangura kubigisha vyinshi.


Ninabarungika bashonje, bahava bagwira isari mu nzira, kuko bamwe muri bo bavuye kure.”


Kenshi iyo mpwemu iramuta mu muriro canke mu mazi, ikagerageza kumwica. Nimba woshobora kugira ico ukoze, utugirire impuhwe udufashe.”


Nuko afata akayira aja kwa se. Akiri kure, se aramubona, afatwa n’ibigumbagumba, ariruka aja kumusanganira, aramugumbira, aramusomagura.


Umwami Yesu abonye uwo muvyeyi, amugirira impuhwe, aca amubwira ati: “Reka kurira!”


Ni co gituma vyari bikwiye ko ahinduka agasa natwe abavukanyi biwe muri vyose; kugira ngo atubere Umuherezi Mukuru w’umunyembabazi kandi w’umwizigirwa imbere y’Imana, kugira ngo atange ikimazi gikura ivyaha vy’abantu.


Umuherezi mukuru dufise ashobora kubabarana natwe mu ntege nke zacu. Mbere yaciye mu mageragezwa twese ducamwo, ariko we nta caha yakoze.


Kuko na we ubwiwe ari umunyantege nke mu buryo bwinshi, arashobora gutahura abantu bagendera mu butamenya bagakora ibitari vyo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ