Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mariko 8:17 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Yesu yari azi ivyo bariko baravugana, ni ko kubabwira ati: “Ni kuki muvugana ku vyo kutagira imikate? N’ubu ntimurabona canke ngo mutahure? Imitima yanyu irakomantaye ku buryo idashobora gutahura?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Yesu arabimenya, arababaza, ati N’iki gitumye mwībūranya ngo nta mitsima mufise? Ntimuraruha mubimenya canke mubitahura? Mbega mufise imitima ikomantaye?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mariko 8:17
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yesu abimenye aca ava ngaho, maze abantu benshi baramukurikira hanyuma akiza abarwaye bose bari muri bo,


Ntimuzi ko ikintu cose cinjira mu kanwa kija mu nda hanyuma kigasohoka?


Maze abigishwa bavugana hagati yabo bati: “Ivyo abivuze kubera tutazanye imikate.”


Mu nyuma Yesu yiyereka bamwe cumi n’umwe bariko barasangira. Arabahambarira kubera ukutizera n’ugukomantaza imitima kuko banse kwemera ivyo babwiwe n’abamubonye amaze kuzuka.


Ubwo nyene Yesu amenya mu mpwemu yiwe ivyo bariko baribaza mu mitima yabo. Arababaza ati: “Ni kuki muriko mwiyumvira gutyo mu mitima?


Nuko Yesu abitegereza ashavuye, kandi ababajwe cane n’uko imitima yabo ikomantaye. Nuko abwira wa muntu ati: “Gorora ukuboko kwawe.” Akugoroye guca kurakira.


kuko na ca gitangaza c’imikate batari bwagitahure, bitumwe n’uko imitima yabo yari ikomantajwe n’ukutizera.


Abigishwa baca baravugana bati: “Ibi abivuze kuko tutagira imikate.”


Yesu aca ababwira ati: “Yemwe bantu b’ubwenge buke mwe! Birabagora kwizera mu mitima yanyu ivyo abavugishwa n’Imana bavuze.


Turatahuye ko uzi vyose, kandi ko bidakenewe ko umuntu akubaza ibibazo. Ivyo bitumye twizera ko waje uva ku Mana.”


Yesu amubaza ubugira gatatu Yesu ati: “Simoni mwene Yohana, mbega urankunda?” Petero aca arababara kuko Yesu amubajije ubugira gatatu ati: “Mbega urankunda?” Aramwishura ati: “Mwami, wewe uzi vyose, urazi ko ndagukunda.” Yesu aramubwira ati: “Gaburira intama zanje.


Nzokwica abana biwe bose. Aho ni ho amashengero yose azomenya ko ndi Imana isuzuma ivyanyegejwe mu mitima no mu vyiyumviro kandi ko nzoha umuntu wese impembo ikwiranye n’ivyo yakoze.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ