16 Abigishwa baca baravugana bati: “Ibi abivuze kuko tutagira imikate.”
16 Bībūranya muri bo, bati Ntidufise imitsima.
Bariko barajabuka arabagabisha ati: “Mwirinde umwambiro w’Abafarisayo n’uwa Herode.”
Yesu yari azi ivyo bariko baravugana, ni ko kubabwira ati: “Ni kuki muvugana ku vyo kutagira imikate? N’ubu ntimurabona canke ngo mutahure? Imitima yanyu irakomantaye ku buryo idashobora gutahura?
Baravugana hagati yabo bati: “Nitwavuga tuti: ‘Wavuye ku Mana yo mw’ijuru,’ ahava atubaza ati: ‘None ni kuki mutizeye ivyo Yohana yavuze?’
Maze haduka impari hagati mu bigishwa bashaka kumenya umukuru muri bo.