Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mariko 7:34 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

34 Ahanga amaso mw’ijuru, ariruhutsa, maze abwira wa muntu ati: “Efata!” (bisigura ngo: “Zibuka”).

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

34 Ararangamiza, arāba mw ijuru, yitsa umutima, arakibarira, ati Efata, risobanurwa ngo Zibūka.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mariko 7:34
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yesu aterwa ikigongwe n’uwo muntu maze aramvura ukuboko amukorako, aramubwira ati: “Ndabishatse, kira uhumanuke!”


Isaha y’icenda ishitse, Yesu arasemerera n’ijwi rirenga ati: “Eloyi, Eloyi, lema sabakitani?” (bisobanurwa ngo: “Mana yanje, Mana yanje, ni kuki wampevye?”)


Amufata ukuboko aramubwira ati: “Talita Kumi!” (bisigura ngo: “Gakobwa, ndakubwiye nti vyuka!”)


Yesu afata ya mikate itanu na za fi zibiri, arangamiza mw’ijuru, abishimira Imana. Hanyuma amanyagura ya mikate, ayihereza abigishwa ngo bagaburire abantu. Abagaburira na za fi bose.


Ubwo nyene amatwi ya wa muntu arazibuka, ururimi rwiwe ruragoboroka, aca atangura kuvuga neza.


Maze Yesu ariruhutsa cane, hanyuma ababwira ati: “Mbega ni kuki abantu ba kino gihe basaba ikimenyetso? Ndababwire ukuri, nta kimenyetso nk’ico nzobaha.”


Yesu aramubwira ati: “Humuka, ukwizera kwawe kuragukijije.”


Yegereye Yerusalemu, yitegereza igisagara, arakiririra,


Maze Yesu yegera isandugu yarimwo ikiziga, abari bayiteruye baca barahagarara. Hanyuma avuga ati: “Muhungu, ndakubwiye, haguruka!”


Yesu abonye amarira ya Mariya n’ay’Abayuda bari bazananye na we, afatwa n’ibigumbagumba arababara cane.


Nuko Yesu ashika ku mva akibabaye. Iyo mva yari isenga ryugaje ikibuye kinini.


Nuko bakuraho ca kibuye. Maze Yesu arangamiza hejuru aravuga ati: “Data, ndagushimiye kuko unyumva iyo nsenga.


Ahejeje kuvuga ayo majambo aca arasemerera ati: “Lazaro, sohoka!”


Yesu ahejeje kuvuga ayo amajambo, arangamiza mw’ijuru asenga ati: “Data, igihe kirashitse. Nuheshe Umwana wawe icubahiro, kugira ngo na we aguheshe icubahiro.


Petero aramubwira ati: “Ayineya, Yesu Kristo aragukijije. Haguruka wizingire ikirago cawe.” Ubwo nyene Ayineya aca arahaguruka.


Maze Petero arabataramura bose, aca arapfukama arasenga. Hanyuma ahindukirira ikiziga, avuga ati: “Tabita, vyuka!” Nuko tabita arakanura. Abonye Petero, aca aravyuka aricara.


Umuherezi mukuru dufise ashobora kubabarana natwe mu ntege nke zacu. Mbere yaciye mu mageragezwa twese ducamwo, ariko we nta caha yakoze.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ