Hanyuma y’ivyo Yesu ava i Galilaya aja mu karere kegereye igisagara ca Tiro. Nuko yinjira mu nzu kandi ntiyashaka ko hagira uwumenya ko ariho ari; ariko ntivyakunda ko yihisha.
Nta kintu gihumanye ku bafise imitima idahumanye. Ariko ku bahumanye kandi batizera, nta kidahumanye, kuko ubwenge bwabo n’ivyiyumviro vyabo vyarononekaye.