Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mariko 6:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Umusi w’Isabato ushitse, atangura kwigisha mw’isinagogi; benshi bamwumvirije baratangara cane. Barabazanya bati: “Mbega ivyo yigisha yabikuye he? Ubu bwenge n’ubu bushobozi bwo gukora ibitangaza yabikuye he?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Isabato ishitse, aca yigishiriza mw isinagogi: benshi bamwumvise baratangara, bat’ Ivyo vyose uyu yabikūye hehe? Kandi n’ubgenge ki yahawe, n’ivyo bitangaza bingaho bikorwa n’amaboko yiwe n’ibiki?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mariko 6:2
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ico gihe Yesu agendagenda mu ntara yose ya Galilaya yigishiriza mu masinagogi yaho, avuga Ubutumwa Bwiza bw’Ubwami, akiza abantu ingwara zose n’ubumuga bwose.


Yesu amaze kuvuga ivyo, abantu batangazwa n’inyigisho ziwe;


Nuko agendagenda mu ntara ya Galilaya yose, avuga Ubutumwa Bwiza mu masinagogi, yirukana n’abadayimoni.


Nuko Yesu ava i Kaperinawumu aja mu ntara ya Yudaya, hakurya y’uruzi Yorodani. Na ho nyene abantu isinzi baza aho ari, aca arabigisha nk’uko yari asanzwe abikora.


Abamwumva bose baratangazwa n’ubwenge bwiwe hamwe n’inyishu ziwe.


Yama yigisha mu masinagogi kandi agashimwa n’abantu bose.


Baravuga bati: “Mbega uwu si Yesu mwene Yosefu? Se na nyina ntitubazi? None ni gute avuga ngo: ‘Namanutse mva mw’ijuru’?”


Abayuda bamwumvise baratangara, barabaza bati: “Uwo mugabo azi vyinshi cane kandi atize. Ivyo bishoboka gute?”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ