Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mariko 6:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Nuko baragenda bigisha abantu ivyo kwihana;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Baragenda, bigisha kw abantu bakwiye kwihana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mariko 6:12
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yesu ahejeje gusigurira neza abigishwa biwe cumi na babiri igikorwa abatumye, ava ngaho aja kwigisha no kuvuga Ubutumwa Bwiza mu bisagara vy’i Galilaya.


Maze Yesu aca atangura kuburira ibisagara yakoreyemwo ibitangaza vyinshi kuko abantu baho banse kwihana, avuga ati:


avuga ati: “Nimwihane kuko Ubwami bw’ijuru buri hafi.”


Kuva ico gihe Yesu aca atangura kuvuga Ubutumwa Bwiza no kwigisha, ati: “Nimwihane kuko Ubwami bw’ijuru buri hafi.”


Nimugende mwige iri jambo ico rivuga: ‘Nshaka ko mugira imbabazi kuruta kumpa ibimazi.’ Kuko sinaje kurondera abiyumvira ko bagororotse, ahubwo naje kurondera abemera ko ari abanyavyaha.”


ati: “Igihe kirashitse, Ubwami bw’Imana buri hafi. Nimwihane mwizere Ubutumwa Bwiza.”


“Ni ijwi ry’uwusemerera mu bugaragwa, ati: ‘Nimutegurire Uhoraho aho aca, mugorore inzira agenderamwo.’ ”


Ku musi wo guca imanza, abantu b’i Ninewe bazohaguruka bagirize abantu ba kino gihe kandi babatsindishe, kuko bo bihanye bamaze kwumva ubutumwa bwa Yona; ariko raba uwuruta Yona ari hano.


Haba na mba! Ariko nimutihana namwe muzohona nka bo.


Haba na mba! Ariko nimutihana namwe muzohona nka bo.”


Ni ko n’abamarayika b’Imana bagira umunezero iyo umunyavyaha umwe yihanye.”


Ndababwire ukuri, no mw’ijuru haba umunezero mwinshi iyo umunyavyaha umwe yihanye gusumba uwo bagirira abagororotsi mirongo icenda n’icenda badakeneye kwihana.


kandi ubutumwa bw’ukwihana n’uguharirwa ivyaha buzovugwa mw’izina ryiwe mu mahanga yose, uhereye i Yerusalemu.’


Nuko baca bafata inzira, baca mu mihana itandukanye, bavuga Ubutumwa Bwiza, bakiza n’abarwaye aho baca hose.


Bavyumvise ntibagira ico basubizayo, ahubwo bashima Imana, bavuga bati: “Erega noneho Imana ihaye Abanyamahanga na bo akaryo ko kwihana ivyaha vyabo ngo baronke ubugingo budashira.”


Petero arabishura ati: “Umuntu wese muri mwebwe niyihane, abatizwe mw’izina rya Yesu Kristo, kugira ngo ivyaha vyanyu bibone guharirwa, ni ho muzoronka ingabire ya Mpwemu Yera.


Nigishije Abayuda n’Abagiriki ko bakwiye kwihana bagahindukirira Imana mu kwizera Umwami Yesu.


Nahereye ku b’i Damasiko, hanyuma nja mu b’i Yerusalemu n’i Yudaya hose, ntibagiye no mu Banyamahanga, nigisha ko bakwiye kwihana bakagaruka ku Mana, kandi bagakora ibikorwa bikwiranye n’ukwihana kwabo.


Nuko rero nimwihane, muhindukire, kugira ngo ivyaha vyanyu bihanagurwe, ngo ibihe vy’impemburo bibone kuza, bivuye imbere y’Umwami Imana,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ