Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mariko 5:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Arasemerera n’ijwi rirenga ati: “Mbega undonderako iki ga Yesu, Mwana w’Imana Musumbavyose? Ndakwinginze mw’izina ry’Imana ntunkubagure!”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 asemerera n’ijwi rirenga, ati Duhūriye hehe ga Yesu Mwana w’Imana isumba vyose? Ndakurahiye Imana, ntumbabaze agashinyaguro.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mariko 5:7
29 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Simoni Petero aramwishura ati: “Uri Kristo, Umwana w’Imana nzima.”


Ariko Yesu aguma ahoze. Maze umuherezi mukuru aca aramubwira ati: “Mw’izina ry’Imana nzima, tubwize ukuri: Uri Kristo, Umwana w’Imana?”


Umugeragezi aca aramwegera, amubwira ati: “Niwaba uri Umwana w’Imana, bwira aya mabuye ahinduke imikate.”


Bamubonye, abo badayimoni baca barasemerera bati: “Uturonderako iki ga Mwana w’Imana? Uje kutubabaza kandi igihe cacu kitaragera?”


“Yesu w’i Nazareti, uturonderako iki? Uzanywe no kuduhonya? Ndazi uwo uri we. Uri Uwera w’Imana!”


Ariko Yesu arihorera ntiyagira ico amwishura. Wa muherezi mukuru arongera aramubaza ati: “Uri Kristo, Umwana w’imwe ihezagiwe?”


Abantu baboshwe n’impwemu mbi bamukubise ijisho, izo mpwemu mbi zaca zibakubita hasi zigasemerera ziti: “Uri Umwana w’Imana!”


Uwo muntu abonye Yesu akiri kure, ariruka apfukama imbere yiwe.


Ivyo yabivuze kuko Yesu yari ahejeje kuvuga ati: “Wa mpwemu mbi we, muvemwo!”


Azoba uwuhambaye, kandi azokwitwa Umwana w’Iyisumbavyose. Umwami Imana azomuha intebe y’inganji ya sekuruza Dawidi,


“Yesu w’i Nazareti, udushakako iki? Uzanywe no kuduhonya? Ndazi uwo uri we. Uri Uwera w’Imana!”


Ariko, mukunde abansi banyu, mubagirire neza. Mubagurane mutiteze ko babasubiza, ni ho impera yanyu izoba nini mw’ijuru. Aho muzoba mwerekanye vy’ukuri ko muri abana b’Iyisumbavyose, kuko igirira neza intashima n’abanyakibi.


Abonye Yesu, aca akoma induru, yikubita ku birenge vyiwe, asemerera n’ijwi rirenga ati: “Undonderako iki ga Yesu, Mwana w’Imana Musumbavyose? Ndakwinginze ntuntoteze!”


Ariko ibi vyanditswe kugira ngo mwizere ko Yesu ari Kristo, Umwana w’Imana, kandi kugira ngo mumaze kwizera muronke ubugingo mw’izina ryiwe.


Maze wa mukobwa akurikira Pawulo n’abo twari kumwe bose, asemerera ati: “Aba bantu ni abakozi b’Imana Musumbavyose, baje kubabwira inzira ibashikana ku gakiza.”


Maze Abayuda bamwe bigenera kugenda hirya no hino, bagerageza kwirukana impwemu mbi ngo zive mu bantu bakoresheje izina ry’Umwami Yesu. Bavuga bati: “Mw’izina rya Yesu, umwe Pawulo yigisha, ndagutegetse muvemwo!”


Bakiri mu nzira bagenda, bashika ahantu hari amazi, ya nkone iravuga iti: “Ko hano hari amazi, ni igiki combuza kubatizwa?” [


Kandi Imana, itanga amahoro izofyonyorera vuba Satani musi y’ibirenge vyanyu. Ubuntu bw’Umwami wacu Yesu bubane namwe.


Abo bana hari ikintu basangiye: bose ni abantu. Yesu na we ubwiwe yahindutse umuntu nka bo kugira ngo, biciye mu rupfu rwiwe, amare inkomezi uwari afise ububasha bw’urupfu, ari we Satani.


Uwo Melekisedeki yari umwami w’i Salemu, akaba n’umuherezi w’Imana Musumbavyose. Igihe Aburahamu yari atabarutse ahejeje kunesha ba bami, Melekisedeki yaje guhura na we aramuhezagira.


Uvuga ko ufise ukwizera kuko wizera ko hari Imana imwe. Ivyo ni vyiza! Ariko n’abadayimoni ivyo baravyizera, mbere bakanajugumira kubera gutinya.


Kuko nimba Imana itihanganiye abamarayika igihe bacumura, ariko ikabaterera muri Gehinomu, mu minyororo y’umwijima gushika ku musi w’imanza.


Umuntu wese abandanya akora ivyaha ni uwa wa mubi, kuko uwo mubi yamye akora ivyaha kuva mu ntango. Ariko Umwana w’Imana yaje gusambura igikorwa ca wa mubi.


Kandi n’abamarayika batagumye mu bibanza Imana yabashizemwo, ariko bagahitamwo kubivamwo, Imana yabugaraniye ahantu h’umwijima, baboshwe n’iminyororo y’ibihe bidashira, barindiriye wa musi uhambaye w’imanza.


None rero nimunezerwe mwa majuru, hamwe namwe ibiyabamwo mwese. Ariko haragowe isi n’ibiyaga, kuko wa mubi yabikororewemwo! Yuzuye uburake bwinshi, kuko azi ko asigaje igihe gito.”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ