Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mariko 4:8 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Ariko hari n’imbuto zaguye mw’ivu ryiza. Izo zarameze, zirakura kandi zirama; zimwe zama mirongo itatu, izindi mirongo itandatu, izindi ijana.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Izindi zigwa mw ivu ryiza, ziramera, zirakura, zihunda impeke, zimwe mirongwitatu, izindi mirongwitandatu, izindi ijana, birtyo birtyo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mariko 4:8
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko imbuto zaguye mw’ivu ryiza ni ikigereranyo c’umuntu yumva ijambo ry’Imana akaritahura; uwo ni we aheza akama; bamwe bakama incuro ijana, abandi incuro mirongo itandatu, abandi incuro mirongo itatu z’ivyabibwe.”


Hakaba rero n’imbuto zaguye mw’ivu ryiza, ziramera, zirakura kandi zirama, zimwe zimbuka incuro ijana, izindi mirongo itandatu, izindi mirongo itatu.


Abandi imitima yabo imeze nk’umurima ufise ivu ryiza. Abo na bo ni abumva ijambo ry’Imana bakaryakira maze bakama ivyamwa, bamwe mirongo itatu, abandi mirongo itandatu, abandi ijana.”


Izindi mbuto zigwa mu mahwa; zimaze kumera, ayo mahwa arakura arazinyoha, ntizashobora kwama.


Hanyuma aca ababwira ati: “Uwufise amatwi yo kwumva niyumve!”


Ariko hari n’abandi bameze nk’ivu ryiza. Abo ni abakirana ijambo ry’Imana umutima mwiza utagira uburyarya, kandi bakarigumya; maze kubera ukwihangana, bakama ivyamwa vyinshi.


Ariko hari izaguye mw’ivu ryiza, zirakura kandi zirama, zimbuka incuro ijana.” Ahejeje kubacira uwo mugani, yongerako ati: “Uwufise amatwi yo kwumva niyumve.”


Jewe ndi umuzabibu; namwe muri amashami. Nimwaguma muri jewe nanje nkaguma muri mwebwe, muzokwama ivyamwa vyinshi. Erega mutari kumwe nanje nta co mushobora gukora!


Umuntu wese ahisemwo gukora ivyo Imana ishaka azotahura nimba inyigisho zanje ziva ku Mana canke ko ari amajambo yanje gusa.


Abantu b’i Beroya bari bugurutse kurusha ab’i Tesalonike, kuko bakiriye Ubutumwa Bwiza n’ishaka ryinshi, bakama basesangura Ivyanditswe ku musi ku musi, kugira ngo barabe ko ivyo Pawulo abigisha ari ivy’ukuri.


Muri we inyubakwa yose irafatanywa neza ikaduga kugira ngo ibe urusengero rwejejwe mu Mwami.


Ndabipfuriza kwama mwuzuye ivyamwa vy’ukugororoka biva kuri Kristo Yesu, kugira ngo biheshe Imana icubahiro n’amashimwe.


Ubwo Butumwa Bwiza bwabashikiriye ni na bwo buriko burakwiragira kw’isi yose. Buriko burama ivyamwa bwongera bugwira, nk’uko vyagenze no muri mwebwe uhereye igihe mwabwumviye ubwa mbere, mugatahura ubuntu bw’Imana nk’uko bumeze vy’ukuri.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ