Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mariko 4:20 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Abandi imitima yabo imeze nk’umurima ufise ivu ryiza. Abo na bo ni abumva ijambo ry’Imana bakaryakira maze bakama ivyamwa, bamwe mirongo itatu, abandi mirongo itandatu, abandi ijana.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Abābibge mw ivu ryiza, abo ni bo bumva iryo jambo bakaryemera, bagahunda impeke, umwe mirongwitatu, uwundi mirongwitandatu, uwundi ijana, birtyo birtyo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mariko 4:20
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko imbuto zaguye mw’ivu ryiza ni ikigereranyo c’umuntu yumva ijambo ry’Imana akaritahura; uwo ni we aheza akama; bamwe bakama incuro ijana, abandi incuro mirongo itandatu, abandi incuro mirongo itatu z’ivyabibwe.”


Hakaba rero n’imbuto zaguye mw’ivu ryiza, ziramera, zirakura kandi zirama, zimwe zimbuka incuro ijana, izindi mirongo itandatu, izindi mirongo itatu.


Ariko hari n’imbuto zaguye mw’ivu ryiza. Izo zarameze, zirakura kandi zirama; zimwe zama mirongo itatu, izindi mirongo itandatu, izindi ijana.”


Ariko hari n’abandi bameze nk’ivu ryiza. Abo ni abakirana ijambo ry’Imana umutima mwiza utagira uburyarya, kandi bakarigumya; maze kubera ukwihangana, bakama ivyamwa vyinshi.


Si mwebwe mwantoranije, ni jewe nabatoranije. Nabashizeho kugira ngo mugende mwame ivyamwa, kandi ivyamwa bihoraho, kugira ngo ico muzosaba Data cose mw’izina ryanje azokibahe.


Ishami ryose ryo kuri jewe ritama ararica, ariko ishami ryose ryama ararituturira akarituganya kugira ngo rirushirize kwama.


Ni ko biri no kuri mwebwe, bene Data: ku bijanye n’ivyagezwe, namwe mwarapfuye, ntimukiganzwa na vyo, kuko mugize umubiri wa Kristo. Ubu rero muri ab’uwo yazutse mu bapfuye kugira ngo twamire Imana ivyamwa vyiza.


Ndabipfuriza kwama mwuzuye ivyamwa vy’ukugororoka biva kuri Kristo Yesu, kugira ngo biheshe Imana icubahiro n’amashimwe.


kugira ngo mubeho nk’uko bibereye ab’Umwami Yesu, mwongere mumunezereze muri vyose: mwama ivyamwa mu gikorwa ciza cose kandi mukura mu vyo kumenya Imana.


Bene Data, twarababwiye uko mukwiye kwigenza kugira ngo munezereze Imana, kanatsinda ni ko mubayeho. Ubu naho turabasaba tubinginga mw’izina ry’Umwami Yesu ngo murushirize.


Kuko nimwagira ivyo muri mwebwe kandi bigashishikara kugwira, bizobarinda kuba imburakimazi no kuba ingumba mu kumenya Umwami wacu Yesu Kristo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ