Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mariko 4:19 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 ariko imyitwarariko y’ivy’iyi si, n’uruhendo rw’ubutunzi n’ibindi vyipfuzo vy’uburyo bwinshi, biraza bikanyoha iryo jambo bigatuma ata co ryama.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 maz’ umwitwaririko w’ivy’ isi n’uruhendo rw’ubutunzi no kwifuza ibindi, iyo bibinjiyemwo, binyoha iryo jambo, rikaba ikirumbirane.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mariko 4:19
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Imbuto zaguye mu mahwa, ni ikigereranyo c’umuntu yumva ijambo ry’Imana, ariko imyitwarariko y’ivy’iyi si hamwe n’uruhendo rw’ubutunzi bikaza bikanyoha iryo jambo yumvise bigatuma ata co ryama.


Yesu aca abwira abigishwa biwe ati: “Ndababwire ukuri, biragoye cane ko abatunzi binjira mu Bwami bw’ijuru.


Mbere incabiti ibanguriwe imizi y’ibiti: igiti cose kitama ivyamwa vyiza kigiye gucibwa gitererwe mu muriro.


Abandi bafise imitima imeze nk’umurima urimwo amahwa. Abo barumva ijambo ry’Imana,


Ariko Umwami Yesu aramwishura ati: “Marita, Marita, reka guhagarika umutima, wigora muri vyinshi.


Mwiyubare, imitima yanyu ntiremerwe n’akaborerwe hamwe n’ibihimbaro bijanye na ko, canke imyitwarariko y’ivy’ubu buzima, kugira ngo uwo musi ntuze ubashikeko giturumbuka,


Ishami ryose ryo kuri jewe ritama ararica, ariko ishami ryose ryama ararituturira akarituganya kugira ngo rirushirize kwama.


Ntimukigane inyifato n’imigenzo y’isi ya kino gihe, ariko mureke Imana ibahindure rwose mu kubaha ukwiyumvira gushasha. Aho ni ho muzoshobora gutahura ivyo Imana ibagombako, kuko ni vyo vyiza, ni vyo biyihimbara kandi ni vyo bitunganye rwose.


ivyo mwagenderamwo mukurikira inzira mbi z’isi, mwumvira wa mutware w’ubwami bwo mu kirere, ni we mpwemu ikorera mu mitima y’abantu batumvira Imana.


Kuko mu ntambara yacu ntituriko tugwana n’abafise umubiri n’amaraso, ariko tugwana n’abatware babi, n’abafise ububasha b’ahantu tutabona, n’abanyabushobozi bo mw’isi y’umwijima hamwe rero n’impwemu mbi z’ahantu ho mw’ijuru.


Ntimukiganyire ku kintu na kimwe, ariko ivyo mukeneye vyose mubimenyeshe Imana mu gusenga no mu kwinginga, bifatanije no gukenguruka.


Wigishe abafise ubutunzi bw’iyi si kutishira hejuru no kudashira ivyizigiro vyabo muri bwo, kuko butaramba. Ariko bizigire Imana yo iduha vyose nk’umusesekara kugira ngo tubinezerererwe.


kuko Dema yarantaye aja i Tesalonike, kuko yakunze ivy’iyi si. Kireseni yagiye i Galatiya, Tito na we yagiye i Dalumatiya.


Kuko nimwagira ivyo muri mwebwe kandi bigashishikara kugwira, bizobarinda kuba imburakimazi no kuba ingumba mu kumenya Umwami wacu Yesu Kristo.


Kubana na bo iyo musangira mu misi mikuru y’urukundo nk’abizera ni agatetereza, kandi ivyo babikora ata co basonera. Bameze nk’abungere biragira ubwabo. Bameze nk’ibicu bitagira imvura bikubebwa n’umuyaga. Bameze kandi nk’ibiti bitagira ivyamwa mu gihe c’iyera, vyaranduranywe n’imizi bipfa kabiri.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ