Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mariko 4:17 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Ariko kubera iryo jambo ritagira imizi muri bo, bamara akanya gato bizeye. Iyo baciye mu vyago canke mu guhamwa bazira kwizera iryo Jambo ry’Imana, baca bata ukwizera.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 ntibagire imizi muri bo, ariko bahagarara umwanya muto, maz’ iyo bādutsweko n’amarushwa bo n’akadenderezo bazira iryo jambo, bica bibagwisha.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mariko 4:17
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ni co gituma ndababwira ko icaha ico ari co cose n’ugutuka Imana kwose abantu bashobora kubiharirwa, ariko gutuka Mpwemu Yera ntibazobiharirwa.


Ariko kubera ko iryo jambo ritagira imizi miremire muri bo, bamara umwanya muto bizeye. Iyo baciye mu vyago canke mu guhamwa bazira kwizera iryo Jambo ry’Imana, baca bata ukwizera.


Abandi, imitima yabo imeze nk’urutare. Abo ni abumva ijambo ry’Imana bakaryakirana umunezero.


Abandi bafise imitima imeze nk’umurima urimwo amahwa. Abo barumva ijambo ry’Imana,


Kandi umuntu wese atuka Umwana w’Umuntu azobiharirwa, ariko uwutuka Mpwemu Yera ntazobiharirwa.


Nuko Yesu abwira Abayuda bari bamwizeye ati: “Ikizokwerekana ko muri abigishwa banje vy’ukuri ni ugushira mu ngiro inyigisho zanje.


Abagomba kwiyerekana ku bantu mu vy’umubiri, ni bo babagoberera gukebwa, kandi ikintu conyene gituma bakora ivyo ni ukwanka guhamwa bahorwa umusaraba wa Kristo.


Urazi ko abo muri Aziya bose bantaye, harimwo Figelusi na Heremogeni.


kuko Dema yarantaye aja i Tesalonike, kuko yakunze ivy’iyi si. Kireseni yagiye i Galatiya, Tito na we yagiye i Dalumatiya.


Igihe naja kuburana ubwa mbere, nta n’umwe yanshigikiye, bose barantaye. Ntibaze babiharurweko.


Namwe mwibaze ingene igihano kizohabwa abagaye Umwana w’Imana, bagatitura amaraso y’isezerano yabogeje ivyaha, kandi bagatuka Mpwemu w’ubuntu, kizoba gikomeye.


Bavuye muri twebwe, ariko mu vy’ukuri ntibari abacu. Kuko iyo baba abacu, bari kugumana natwe. Ukugenda kwabo kwerekanye ko ata n’umwe muri bo yari uwacu.


Ntuterwe ubwoba n’imibabaro ugiye gucamwo, kuko wa mubi agiye gushira bamwe muri mwebwe mw’ibohero kugira ngo akugerageze. Muzobabazwa imisi cumi. Ariko niwaguma mu bwizigirwa gushika ku gupfa, nzoguha igitsibo c’ubugingo.


Ndazi ko uba mu gisagara Satani afisemwo intebe y’inganji, ariko wumiye kw’izina ryanje. Ntiwamvuyeko no mu gihe ca Antipa, icabona canje c’ukwizigirwa, uwagandaguriwe muri mwebwe, mu gisagara ca Satani.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ