Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mariko 3:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Yesu n’abigishwa biwe bava aho hantu baja ku kiyaga c’i Galilaya, maze abantu benshi baramukurikira bavuye i Galilaya, i Yudaya,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Maze Yesu n’abigishwa biwe bavayo, baja ku kiyaga: ishengero ryinshi riramukurikira, bavuye i Galilaya n’i Yudaya

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mariko 3:7
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nibabahama mu gisagara kimwe, muze muhungire mu kindi. Ndababwira ukuri ko mutazoheza kugendagenda mu bisagara vyose vya Isirayeli Umwana w’Umuntu ataraza.


Yesu abimenye aca ava ngaho, maze abantu benshi baramukurikira hanyuma akiza abarwaye bose bari muri bo,


ariko arabihanikiriza ngo ntihagire umuntu n’umwe avuga uwo ari we.


Maze amasinzi y’abantu baramukurikira, bavuye i Galilaya, i Dekapolisi, i Yerusalemu, i Yudaya, no hakurya ya Yorodani.


Nuko agendagenda mu ntara ya Galilaya yose, avuga Ubutumwa Bwiza mu masinagogi, yirukana n’abadayimoni.


Aho guhora, wa muntu aca aragenda atangura kuvuga no gukwiragiza iyo nkuru. Ivyo vyatumye Yesu adasubira kuja mu gisagara ku mugaragaro ahubwo aca aguma hanze kure yaco ahantu hihishije. Ariko na ho nyene abantu barahamusanga bavuye mu mihingo myinshi.


Hanyuma Yesu aja i muhira, maze abantu benshi basubira gukoranira aho ari, ku buryo we n’abigishwa biwe bitashoboka ko bafungura.


Ikindi gihe Yesu asubira kwigishiriza ku nkengera y’ikiyaga c’i Galilaya, maze abantu isinzi bakoranira aho ari, na we aca atambukira mu bwato abwicaramwo, abantu na bo bahagarara i musozi.


Ariko barushiriza kuvuga bati: “Agumura abantu i Yudaya hose biciye mu nyigisho ziwe. Yatanguriye i Galilaya none raba ashitse n’ino i Yerusalemu.”


Umusi umwe Yesu aduga ku musozi, akesha ijoro ryose asenga Imana.


Hanyuma Yesu ava kuri uwo musozi amanukana na bo, bashika ahantu hateze, bahasanga isinzi ry’abigishwa biwe, hamwe n’abandi bantu benshi bari baje bava i Yudaya, i Yerusalemu, no mu micungararo y’intara za Tiro na Sidoni yegereye ikiyaga,


Abandi bavuga bati: “Ni Kristo.” Abandi na bo bati: “Kristo ntashobora kuva i Galilaya.


Na bo baramwishura bati: “Mbega nawe uva i Galilaya? Urasoma neza Ivyanditswe uzobona ko ata wuvugishwa n’Imana ava i Galilaya!” [


Bugorovye, bene Data barungika Pawulo na Silasi i Beroya. Bashitseyo, binjira mw’isinagogi y’Abayuda.


Ubwo nyene bene Data baca barungika Pawulo ajana inzira ija ku kiyaga, ariko Silasi na Timoteyo baguma i Beroya.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ