Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mariko 3:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Nuko Yesu abitegereza ashavuye, kandi ababajwe cane n’uko imitima yabo ikomantaye. Nuko abwira wa muntu ati: “Gorora ukuboko kwawe.” Akugoroye guca kurakira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Aberaguzamw’ amaso, aratse, ababazwa n’ukw imitima yabo ikomantaye, abarira uwo muntu, ati Ramvura ukuboko kwawe. Arakuramvura, kurakira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mariko 3:5
29 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Hanyuma aca abwira wa muntu ati: “Gorora ukuboko kwawe.” Akugoroye guca kurakira neza kumera nk’ukundi.


Arababaza ati: “Mbega ni igiki cemewe gukorwa ku musi w’Isabato: Gukora iciza canke gukora ikibi? Gukiza umuntu canke kumwaka ubugingo?” Ntihagira uwumwishura.


Umwami Yesu aca arishura ati: “Mwa ndyarya mwe! Ni nde muri mwebwe atozitura inka canke indogoba yiwe mu ruhongore ku musi w’Isabato ngo ayijane kunywa amazi?


Ababonye, arababwira ati: “Nimugende, mwiyereke abaherezi.” Bakiri mu nzira bagenda, baca barakira imibembe, barahumanuka.


Nuko Yesu arabitegereza bose, maze abwira wa muntu ati: “Gorora ukuboko kwawe!” Akugoroye, guca kurakira.


Aramubwira ati: “Genda wiyuhagire ku kidengeri c’i Silowamu” (Silowamu bisigura “Uwatumwe”). Wa muntu aragenda ariyuhagira, agaruka abona.


Bene Data, ndagomba ko mumenya iri banga ngira ndababwire kugira ngo bibarinde ubwibone. Bamwe mu Bisirayeli bafise imitima ikomantaye, ariko ivyo bizorangira igitigiri c’Abanyamahanga binjira mu gakiza gikwiye.


Ariko ubwenge bwabo bwarimwo umwiza, kuko gushika n’ubu ico gitambara kibagumako iyo basoma ivy’isezerano rya kera. Nticigeze kibakurwako, kuko muri Kristo ari ho gikurirwaho.


Ubwenge bwabo buri mu mwijima kandi batandukanijwe n’ubugingo bw’Imana kubera ukutamenya kuri muri bo kuva ku gukomantara kw’imitima yabo.


“Ugushavura kwanyu ntikubakoreshe icaha,” kandi izuba ntirirenge mugishavuye,


Kandi ntimukababaze Mpwemu Yera w’Imana, uwo mwahawe nk’ikidodo cemeza ko muri abiwe, ku bwa wa musi aho muzocungurirwa.


Ni co gituma nabashavuriye, ndavuga nti: ‘Imitima yabo yama izimira, kandi ntibamenye inzira zanje.’


Mbega ni ba nde bashavuje Imana imyaka mirongo ine? Si bamwe bacumura maze imivyimba yabo ikagwa mu bugaragwa?


Amaze kuba uwutunganye rwose, yahindutse isoko ry’agakiza kadashira ku bamwumvira bose.


Bahamagara imisozi n’ibitandara vy’amabuye bavuga bati: “Nimutugweko muduhishe amaso y’uwicaye ku ntebe y’inganji, n’uburake bw’Umwagazi w’intama,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ