Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mariko 3:22 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

22 Abigisha b’ivyagezwe bari baje bava i Yerusalemu bavuga bati: “Akoreshwa n’ububasha bwa Beyelizebuli! Umukuru w’abadayimoni ni we amushoboza kwirukana abadayimoni.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Kand’ abanyabgenge b’ivyanditswe bavuye i Yerusalemu baravuga, bat’ Arimwo Beyezebuli: kandi bat’ Umukuru w’abadayimoni ni we amushoboza gusenda abadayimoni.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mariko 3:22
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umwigishwa akwiye kugera ku rugezo rw’umwigisha wiwe, kandi umukozi akwiye kugera ku rugezo rwa shebuja. Nimba umukuru w’inzu bamwise Beyelizebuli, mbega abo mu nzu yiwe ntibazorushiriza kubita gutyo!


Kuko Yohana yaje atarya kandi atanywa, baca bavuga bati: ‘Arimwo dayimoni.’


Ariko Abafarisayo bavyumvise baca bavuga bati: “Uwo nta kindi kimushoboza kwirukana abadayimoni atari Beyelizebuli, umukuru w’abadayimoni.”


Hanyuma Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe bava i Yerusalemu baja iyo Yesu ari, baramubaza bati:


Ariko Abafarisayo bo baravuga bati: “Umukuru w’abadayimoni ni we amushoboza kwirukana abadayimoni.”


Abafarisayo na bamwe mu bigisha b’ivyagezwe bari bavuye i Yerusalemu baraza bakoranira aho Yesu ari,


Ariko bamwe muri bo bavuga bati: “Ni Beyelizebuli, umukuru w’abadayimoni amushoboza kwirukana abadayimoni.”


Umusi umwe Yesu yariko arigisha, kandi bamwe mu Bafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe bari ngaho; bari baje bava mu bisagara bitandukanye vy’i Galilaya, i Yudaya n’i Yerusalemu; kandi ububasha bw’Umwami Imana bwo gukiza ingwara bwari kuri Yesu.


Ico gihe i Yerusalemu hariko habera imisi mikuru yo kwibuka ishikirizwa ry’urusengero, kandi hari mu gihe c’imbeho nyinshi cane.


Abantu benshi baravuga bati: “Wewe uboshwe na dayimoni. Ni nde ashaka kukwica?”


Abayuda baramwishura bati: “Ntitwihenze aho twavuga ko uri Umusamariya kandi ko uboshwe n’umudayimoni!”


Abayuda bumvise ayo majambo baramubwira bati: “Ubu rero turatahuye neza ko uboshwe n’umudayimoni! Yaba Aburahamu canke abavugishwa n’Imana barapfuye, none wewe uvuze ngo: ‘Umuntu wese yumvira amajambo yanje ntazokwigera apfa!’


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ