16 Aya ni yo mazina y’abo cumi na babiri yatoranije: Simoni (uwo yise Petero);
16 Nukw atoranya aba cumi na babiri: Simoni, amwita Petero;
Umusi umwe, Yesu ariko aragendagenda ku nkengera z’ikiyaga c’i Galilaya, abona abarovyi bavukana, Simoni na Andereya, bariko bararobesha insenga.
abaha n’ububasha bwo kwirukana abadayimoni.
Yakobo na Yohana bene Zebedayo (na bo abita Bowanerige, bisigura ngo abana b’inkuba);
Bukeye, akoranya abigishwa biwe bose, atoranyamwo cumi na babiri, abagira intumwa. Na bo ni aba:
Maze aca amuzana aho Yesu ari. Nuko Yesu yihweza Petero, aramubwira ati: “Uri Simoni mwene Yohana, ariko ugiye kwitwa Kefa” (bisigura Petero).
Bashitse, baca baja mu cumba co hejuru, ico bari bamazemwo imisi. Abo bari aba: Petero, Yohana, Yakobo, Andereya, Filipo, Toma, Baruteremi, Matayo, Yakobo mwene Alufayo, Simoni Umuzelote, na Yuda mwene Yakobo.
Ico ngomba kuvuga ni iki: umwe muri mwebwe avuga ngo: “Jewe ndi umwigishwa wa Pawulo”; uwundi na we ati: “Jewe ndi umwigishwa wa Apolo”; uwundi na we ati: “Jewe ndi uwa Kefa”; hakaba n’uwundi avuga ati: “Jeho ndi umwigishwa wa Kristo gusa.”
yaba Pawulo, yaba Apolo, yaba Kefa, yaba isi, yaba ubugingo canke urupfu, yaba ibiriho canke ibizoza, vyose ni ivyanyu,
Mbega sinemerewe kubana n’umugore yizera nk’uko izindi ntumwa, abavukanyi b’Umwami Yesu Kristo na Kefa babigira?
Jewe Simoni Petero, umukozi n’intumwa ya Yesu Kristo, Ndabandikiye mwebwe mwakiriye ukwizera kw’agaciro nk’ukwacu biciye mu kugororoka kw’Imana yacu n’Umukiza Yesu Kristo: